Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:11

[1] Uwo Melekisedeki, umwami w'i Salemu, umuherezi w'Imana Isumbavyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yagaruka, avuye kunesha abami.

[2] Ni we kandi Aburahamu yagabanirije ikigira icumi muri vyose, irya mbere asobanurwa, ngo Umwami agororoka, kandi irya kabiri yitwa Umwami w'i Salemu, risobanurwa, ngo Umwami w'amahoro.

[3] Nta se, nta nyina, nta mamuko, nta tanguriro ry'imisi canke iherezo ry'ubugingo, ariko agereranywa n'Umwana w'Imana, kandi na ntaryo ahora ari umuherezi.

[4] Nuko mwiyumvire uwo muntu ingene ahambaye, uwo Aburahamu sogokuruza mukuru yahaye icacumi co mu minyago iruta iyindi.

[5] Kandi mu bana ba Lewi, ivyagezwe bigera yuko abahawe ubuherezi batangisha abantu icacumi, ni bo bavukanyi, naho abo bakomotse mu rura rwa Aburahamu.

[6] Ariko wa wundi adaharurwa mu muryango wabo yatangishije Aburahamu ikigira icumi, kandi ahezagira nyene gusezeranywa.

[7] Ariko nta wohakana ko uworoshe adahezagirwa n'uwumurengeye.

[8] Kandi muri twebwe, abantu bapfa ni bo bahabwa icacumi, ariko muri ya yandi majambo cahawe uwushingirwa intahe ko ariho.

[9] Kandi twoshobora kuvuga yuko Lewi, umwe ahabwa icacumi, na we yari yaragitanze muri Aburahamu,

[10] kuko yari akiri mu rura rwa sekuruza, hamwe Melekisedeki yamusanganira.

[11] None iyaba gutunganywa rwose kwazanywe n'ubuherezi bw'Abalewi, —kuko ku butware bwabwo ari ho ubwo bwoko bwahawe ivyagezwe,— ni iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atavugwa mu buryo bwa Aroni?

[12] Iyo ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo.

[13] Kuko uwavuzweko ivyo, ari uwo mu wundi muryango, utigeze kuvamwo uwakoze igikorwa co ku gicaniro.

[14] Birazwi yuko Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kandi uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c'ubuherezi.

[15] Ivyo birushiriza guseruka rwose, ko haboneka uwundi muherezi, ahwanye na Melekisedeki,

[16] atahawe ubuherezi n'uko vyashinzweho n'ivyagezwe vyo mu buryo bw'abantu, ariko yahawe ubushinzwe n'ubushobozi bw'ubugingo budashobora gukurwaho.

[17] Kuko ashingirwa intahe, ngo uri umuherezi ibihe bidashira, Mu buryo bwa Melekisedeki.

[18] Nuko rero icagezwe ca mbere cakuweho kubwo inkomezi nke zaco n'ikimazi gike,

[19] (kuko ivyagezwe bitigeze kugira ico bihingura rwose) hasubizwaho ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.

[20] Kandi ivyo ntivyabaye hatariho indahiro.

[21] Abalewi bo bahawe ubuherezi ata ndahiro; ariko iyabuhaye uwo yararahiye, imubwiye iti: “Uhoraho ararahiye,” ntazokwicuza Ati: “Uri umuherezi ibihe bidashira.”

[22] Uko ni ko Yesu yabaye umwishinzi w'isezerano riruta rya rindi.

[23] Kandi ba bandi Babaye abaherezi benshi, kuko urupfu rubabuza kwamaho;

[24] ariko uwo we, kuko yamaho ibihe bidashira, afise ubuherezi budakurwaho.

[25] Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe kuko na ntaryo yamaho ngo abasabire.

[26] Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze atyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n'abanyavyaha, yashizwe hejuru y'amajuru,

[27] atarinda kubanza gutanga ibimazi vy'ivyaha vyiwe uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivyo abandi bantu. Kuko ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.

[28] Ivyagezwe bishiraho abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, ariko ijambo ry'indahiro yaherukiye ivyagezwe rishiraho Umwana w'Imana yahinguwe rwose gushitsa ibihe bidashira.

Abaheburayo — Chapters