Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:28

[1] Nuko rero, bavukanyi bera, abasangiye ihamagarwa riva mw'ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n'umuherezi mukuru w'ivyo twizeye tukavyatura,

[2] agamburukira iyamutoranije, nk'uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose.

[3] Kuko uwo yiyumviriwe ko akwiye guhabwa icubahiro kiruta ica Mose, nk'uko ishimwe ry'uwubatse urugo riruta iryo urugo.

[4] Kuko urugo rwose rugira uwurwubaka, ariko Imana ni yo yubatse ibintu vyose.

[5] Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk'umushumba, kugira ngo abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma.

[7] Nuko, nk'uko Mpwemu Yera avuga ati: “Uwu musi aho mwumvira Ijwi ryayo,

[8] Ntimukomantaze imitima yanyu, nk'uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa, Kuri wa musi wo kugerageza mu bugaragwa,

[9] Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongo ine.

[10] Ni co catumye ngirira umwikomo abo ico gihe, Nkavuga ko bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje;

[11] Nk'uko narahiranye ishavu ryanje Nti: “Ntibazoshika mu buruhukiro bwanje.”

[12] Bavukanyi, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebwe agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.

[13] Ariko muhanurane uko bukeye bicitwa uwu musi, ntihagire uwo muri mwebwe akomantazwa umutima n'uruhendo rw'icaha.

[14] Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba dukomeje rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw'iherezo;

[15] bikivugwa, ngo uwu musi aho mwumvira ijwi ryayo, Ntimukomantaze imitima yanyu, nk'uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa.

[16] Ni ba nde bamaze kwumva bakayiratsa? Mbega si abavuye i Misiri bose, barongowe na Mose?

[17] Kandi ni ba nde yagiriye umwikomo imyaka mirongo ine? Si abacumuye, imivyimba yabo igahindikirana mu bugaragwa?

[18] Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bwayo? Si abatayumviye?

[19] Kandi tubona ko batashoboye kubushikamwo, kuko batizeye.

Abaheburayo — Chapters