Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:59

[1] Ivyagezwe ko bifise igitutu c'ivyiza bizoza, bidafise ishusho bwite y'ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhingura abegera igicaniro, bibahingurisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n'imyaka.

[2] Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kuko abavyitangirira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimwo ijwi ribagiriza ivyaha.

[3] Ariko muri ivyo bimazi hari icibukiriza ivyaha uko umwaka uheze.

[4] Kuko bidashoboka ko amaraso y'impfizi n'ayo impene akuraho ivyaha.

[5] Ni co catumye, hamwe yaza mw'isi, avuga Ati: “Ibimazi n'amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri.”

[6] Ibimazi bituriwe bitagabanije, n'ibimazi vy'ivyaha, ntivyaguhimbaye.

[7] Mperako ndavuga nti: “Ehe ndaje, (Mu muzingo w'igitabo ni ko binyanditsweko) Nzanywe no gukora ivyo ugomba, Mana.”

[8] Ahejeje kuvuga haruguru ati: “Ibimazi n'amashikanwa, n'ibimazi bituriwe bitagabanije n'ibimazi vy'ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk'uko bibwirijwe n'ivyagezwe),”

[9] aherako aravuga ati: “Ehe nzanywe no gukora ivyo ugomba.” Akuraho ivya mbere ngo ashinge ivya kabiri.

[10] Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n'uko umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.

[11] Kandi umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivyo ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukuraho ivyaha na mba.

[12] Ariko uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c'ivyaha kidahinduka, avyagira i buryo bw'Imana,

[13] aheraho, arorera igihe abansi biwe bazohindurirwa intebe yo musi y'ibirenge vyiwe.

[14] Kuko ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.

[15] Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y'ivyo. Amaze kuvuga

[16] ati: “Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y'iyo misi, ni jewe Uhoraho ndabivuze; Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bwenge bwabo kandi ni ho nzovyandika; arongera

[17] ati: “Kandi ivyaha vyabo n'ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi.”

[18] Ariko, aho ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c'ivyaha.

[19] Nuko bavukanyi, ko turi n'ubushizi bw'ubwoba bwo gushikanwa ahera cane n'amaraso ya Yesu,

[20] duciye mu nzira yadutoboreye nshasha iri n'ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe;

[21] kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw'Imana.

[22] Twegereze dufise imitima y'ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu yogejwe ngo ivanwemwo ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.

[23] Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuko uwasezeranye ari uwo kwizerwa,

[24] kandi twiyumviraneko, kugira ngo duterane umwete wo gukundana n'iryo ibikorwa vyiza.

[25] Ntiduhebe gukoranira hamwe, nk'uko bamwe bagira, ariko duhanurane, kandi uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza mutyo.

[26] Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivyo ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c'ivyaha,

[27] ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba gutsindwa n'urubanza, no kwitega umuriro w'inkazi, uzorigata abansi b'Imana.

[28] Uwukengereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe.

[29] Mugira ngo umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w'Imana, akiyumvira amaraso y'isezerano yamwejeje ko ari igihumane, agacokora Mpwemu w'ubuntu?

[30] Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkoko.” Kandi ati: “Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.

[31] Erega birateye ubwoba gukorokera mu maboko y'Imana nzima.”

[32] Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwakirwa n'umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy'indwano nyinshi;

[33] kimwe, mwacitse akamenyero mutukwa mubabazwa; ikindi, mwafatanije n'abagirirwa batyo.

[34] Kuko mwababaranye n'ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho.

[35] Nuko ntimute ubushizi bw'ubwoba bwanyu! buri n'impera ikomeye.

[36] Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivyo Imana igomba mubone guhabwa ivyasezeranywe.

[37] Kuko hasigaye igihe gito cane, Kandi uwugira aze, azoza, ntazoteba.

[38] Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n'ukwizera, Naho ni yisokora ntazohimbara umutima wanje.

[39] Ariko tweho ntituri abo mu bisokora bagahona, ariko turi abo mu bizera, ubugingo bwabo bugakizwa.

Abaheburayo — Chapters