[1] Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, ni iri: dufise umuherezi mukuru ameze atyo, avyagiye i buryo bw'intebe y'Iyihambaye cane yo mw'ijuru,
[2] akorera ahera, no mw'ihema nyakuri, ryashinzwe n'Uhoraho atari abantu.
[3] Kuko umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ico ashikana.
[4] Iyaba ari mw'isi ntiyobaye umuherezi, kuko hari abandi bashikana amashikanwa nk'uko ivyagezwe bibibwiriza.
[5] Kandi abo bakorera igishushanyo n'igitutu c'ivyo mw'ijuru, nk'uko Mose yabwiwe n' Imana, agira akoreshe rya hema iti: “Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n'ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.”
[6] Ariko none, igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk'uko ari umuhuza w'isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n'ivyasezeranywe biruta ivyo iryabo.
[7] Iyo rya rindi rya mbere ritabako agasembwa, ntihari hakwiye kuronderwa irindi.
[8] Kuko yavuze ibagaya iti: “Ehe imisi igira ize,” ni jewe Uhoraho ndabivuze, Aho nzosezerana isezerano rishasha n'inzu ya Isirayeli n'umuryango wa Yuda,
[9] ridahwanye n'isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri, Kuko batagumye mw'isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho ndabivuze.
[10] Kuko iri ari ryo sezerano nzosezerana n'umuryango w'Abisirayeli Hanyuma y'iyo misi, ni jewe Uhoraho ndabivuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.
[11] Kandi ntibazokwigishanya, ngo umuntu wese yigishe mugenzi we, Canke ngo yigishe uwo bavukana ati: “Menya Uhoraho, Kuko bose bazonyimenyera, Uhereye k'uwo hasi ugashitsa k'uwuhambaye muri bo.
[12] Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kandi ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.
[13] Ko avuga ati: “Isezerano rishasha rero irya mbere yarishajishije; ariko igisaza kikaba akaheze kiba kigira gikamangane.