Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:21

[1] Kera mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi, Imana yaganiriye ba sogokuruza ibicishije mu kanwa k'abavugishwa nayo.

[2] Muri iyi misi y'iherezo yatuganiriye mu kanwa k'Umwana wayo, uwo yashiriweho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.

[3] Uwo, kuko ari ugukayangana kw'ubwiza bwayo, n'ishusho y'akameremere kayo, kandi ashigikiza vyose ijambo ry'ubushobozi bwiwe, ahejeje gushiraho umwuhagiro w'ivyaha, avyagira i buryo bw'icubahiro c'ubwami bwo mw'ijuru;

[4] amaze kuba uwuhambaye kurusha abamarayika, nk'uko izina yarazwe rirengeye ayabo.

[5] Ni nde wo mu bamarayika Imana yigeze kubarira iti: “Uri Ubura bwanje? Uwu musi ndakuvyaye?” Kandi iti: “Nzomubera Se. Na we azombera Umwana wanje?”

[6] Kandi aho izokwongera kuzana imfura yayo mw'isi izovuga iti: “Abamarayika b'Imana bose bamusenge.”

[7] Kandi ivyo abamarayika yarabivuze iti: “Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z'umuriro.”

[8] Ariko, ivyo Umwana wayo yabivuze iti: “Ubutware bwawe, Mana, buhangamye ibihe bidashira, Icumu ry'ubutware bwawe n'icumu ry'uwuganza atunganye.

[9] Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji, Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, ikurobanuza amavuta y'umunezero, ikakurutisha bagenzi bawe.”

[10] Kandi ni wewe, Uhoraho, mu bihe vya kera washizeho itanguriro ry'isi, Kandi amajuru n'igikorwa c'intoke zawe.

[11] Ivyo bizoshira, ariko weho uzokwamaho; Ivyo vyose bizosaza nk'impuzu,

[12] Kandi uzobizinga nk'umutamana, Bikuranwe n'ibindi nk'uko impuzu zikuranywa. Ariko weho uri uko wamye, Imyaka y'ukubaho kwawe ntizoshira.

[13] Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira iti: “Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe?”

[14] Mbega abamarayika bose si impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubwo abazoragwa agakiza?

Abaheburayo — Chapters