Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:44

[1] Nuko isezerano rya mbere na ryo ryarimwo ibirongora ivyo ubuherezi, rifise n'ahera, ariko ho muri iyi si.

[2] Kuko hari ihema ryubatswe, mu ryo hino harimwo igiterekwako amatara, imeza n'imitsima yagenewe gushikanirwa Imana yama kuri yo. Iryo ryitwa Ahera.

[3] Kandi hirya y'igihuzu ca kabiri gikinze, hari ihema ryitwa Ahera Cane.

[4] Harimwo igicaniro co guturirirako imibavu cakozwe mw'izahabu, harimwo n'isandugu y'isezerano yometsweko izahabu impande zose, irimwo urwavya rw'izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy' amabuye vyanditsweko isezerano.

[5] Kandi hejuru yayo hari abakerubi b'ubwiza bateye igitutu umutemere wo gutangirako ibimazi; ivyo ntidushobora kubidonda kimwekimwe ubu nyene.

[6] Nuko ivyo vyateguwe bityo, abaherezi na ntaryo bama binjira mw'ihema ryo hino, kugira ngo bashitse ivyo ubuherezi.

[7] Ariko mu rya kabiri hinjiramwo umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uko umwaka uheze, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangira no gutangirira ivyaha vy'abantu batabizi.

[8] Mpwemu Yera amenyekanisha atyo yuko inzira ija ahera cane itaribwerekanwe, ihema rya mbere rikiriho.

[9] Ni ryo kigereranyo c'igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana ibimazi bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw'ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya usenga,

[10] kuko ivyo, hamwe n'ivyo ivyo kurya, ivyo kunywa, ivyo kwiyuhagira bo n'ukwoza vy'uburyo bwinshi, ari amabwirizwa yo mu buryo bw'abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.

[11] Ariko Kristo amaze kuza, umuherezi mukuru w'ivyiza bizoza, aca mw'ihema rirusha rya rindi kuba irihambaye n'iritunganye rwose, ritakozwe n'intoke, bisobanurwa ngo ritari iryo mu vyaremwe vy'ubu.

[12] Kandi amaraso y'impene canke ayo amashuri, si yo yamushikanye ahera cane, ariko yahashikanywe n'amaraso yiwe rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw'ibihe bidashira.

[13] None amaraso y'impene n'ayo impfizi bo n'umunyota w'inka yavutse ubwa mbere umijwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,

[14] mbega amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembwa, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngo ibikorwa vy'impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?

[15] Ni co gituma aba umuhuza, ahesha isezerano risha, kugira ngo abahamagawe bahabwe umwandu udashira w'isezerano, bitewe n'uko habayeho urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n'isezerano rya mbere.

[16] Kuko aho ikete ry'iragi riri hakwiye rwose yuko urupfu rw'uwaraze ruseruka.

[17] Ikete ry'iragi kibeshwaho n'urupfu rwonyene, kuko ritagira ikimazi uwaraze akiriho.

[18] Ni co gituma isezerano rya mbere ritasezeranywe ata maraso.

[19] Mose amaze kubwira abantu bose amabwirizwa yose nk'uko vyagezwe, yakira amaraso y'ishuri n'ayo impene, amazi n'ubwoya bw'intama bujobetswe agahama, yakira na ezobu, acucagira bacucagirisha. Igitabo c'ivyagezwe, bo n'abantu bose,

[20] arababwira ati: “Aya ni yo maraso y'isezerano Imana yabagereye.”

[21] Kandi ihema n'ibikoresho vyose vy'ivyo ubuherezi, na vyo ni uko abicucagira amaraso.

[22] Nk'uko ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n'amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.

[23] Nuko vyari bibereye ko ibigereranyo vy'ivyo mw'ijuru vyozwa n'ivyo bimazi, ariko, ivyo mw'ijuru ubwavyo bikozwa n'ibimazi biruta ivyo.

[24] Kuko Kristo atinjiye ahera cane hakozwe n'intoke, h'ikigereranyo c'aho ukuri, ariko yinjiye mw'ijuru ubwaho, kugira ngo noneho aduserukire imbere y'amaso y'Imana.

[25] Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk'uko umuherezi mukuru yinjira ahera cane uko umwaka uheze, ajanye amaraso atari ayiwe;

[26] kuko iyo biba bityo, aba yari akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw'isi. Yamara ubu yabonetse rimwe kw'iherezo ry'ibihe, kugira ngo akuzeho icaha ukwitanga.

[27] Kandi nk'uko abantu babikiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza imanza,

[28] na Kristo ni uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi, azoboneka ubwa kabiri, atazanywe n'ivyaha, abonekere abamwiteze ngo abakize.

Abaheburayo — Chapters