[1] Umuherezi wese mukuru, kuko yarobanuwe mu bantu, ashirirwaho gukorera Imana kubwo abantu, kugira ngo ashikane amashikanwa, atange ikimazi, vyompi vy'ivyaha;
[2] kandi ashobora kwihanganira inyoberwa n'abazimiye, kuko na we nyene hari aho agira intege nke.
[3] Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy'ivyaha vyiwe, nk'uko abitangira abandi bantu.
[4] Nta muntu yiha ico cubahiro, kiretse ahamagawe n'Imana, nk'uko Aroni yahamagawe.
[5] Ni ko biri, na Kristo si we yihaye ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru, ariko yagihawe n'iyamubariye iti: “Uri Ubura bwanje, Uwu musi ndakuvyaye.”
[6] Nk'uko yavuze ahandi iti: “Uri umuherezi ibihe bidashira, Mu buryo bwa Melekisedeki.”
[7] Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kandi amaze kwumvirwa kubwo kuyubaha kwiwe,
[8] naho yari Umwana, yigishwa kwumvira Imana n'ivyo yababajwe,
[9] kandi amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y'agakiza kadashira,
[10] Imana imaze kumwita umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki.
[11] Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva.
[12] Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy'itanguriro ry'ivyavuzwe n'Imana. Kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n'amata, si ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.
[13] Nuko uwutunzwe n'amata aba ataramenya ijambo ry'ukugororoka, kuko aba ari uruhinja.
[14] Ariko, ivyo kurya bigumye ni ivyo abakuze, bafise ubwenge, maze kubwo kwama babukoresha, bumenyera gutandukanya ikibi n'iciza.