[1] Pahulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo umuvukanyi, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa,
[2] na Apiya mushiki wacu, na Arukipo tusangiye urugamba, hamwe n'ishengero ryo mu nzu yawe.
[3] Ubuntu n'amahoro biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo bibabemwo.
[4] Ndashima Imana yanje ubudasiba, ndaguhoza mu kanwa uko nsenze,
[5] kuko numvise urukundo rwawe n'ukwizera Umwami Yesu kwawe, ukwo wereka abera bose.
[6] Ndagusaba ngo ugufatanya kwawe mu kwizera gushobore vyinshi kubwa Kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebwe.
[7] Kuko urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kandi imitima y'abera warayiruhuye, muvukanyi.
[8] Kubwo ivyo, naho mfise muri Kristo uburenganzira bwose bwo kugutegeka gukora ibikwiye,
[9] ndahisemwo kukwinginga kubwo urukundo, uko ndi kwose Pahulo umutama, kandi ubu hoho ndi imbohe ya Kristo Yesu.
[10] Ndakwitwayeko kubwo umwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje,
[11] atakugirira ikimazi kera, ariko noneho atugirira ikimazi twempi.
[12] Ni we nyene ndakurungikiye, ni we mutima wanje.
[13] Mba ndamugumije kugira ngo ankorere mu gishingo cawe, mboshwe n'iminyororo y'ubutumwa bwiza.
[14] Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikibe ico ugoberewe, ariko ugikore ubikunze.
[15] Kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito kwari ukugira ngo uzomwamane imisi yose.
[16] Atakiri umushumba wawe, ariko aruta umushumba, ari umwana wa So, akundwa. Akundwa nanje cane, ariko arushiriza gukundwa nawe, mu vyo umubiri no mu Mwami wacu.
[17] Nuko namba unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwakire nk'uko nanje wonyakiriye.
[18] Ariko asangwa hari ico yaguhemukiyeko, canke hari umwenda agufitiye, ubimparureko.
[19] Ni jewe Pahulo nandikishije ukuboko kwanje yuko nzovyishura. Reka ndeke kukubwira yuko uri n'umwenda wanje, uwo mwenda ni wewe ubwawe.
[20] Ego, muvukanyi, ndakubonemwo ikimazi mu Mwami wacu; unduhure umutima muri Kristo.
[21] Ndakwandikiye nizigiye ko uzonyumvira, nzi yuko uzokora n'ibiruta ivyo mvuze.
[22] Kandi n'ikindi, untegurire indaro; kuko nizigiye yuko muzompabwa kubwo amasengesho yanyu.
[23] Epafura, mugenzanje tubohanywe muri Kristo, aragutasha,
[24] Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.
[25] Ubuntu bw'Umwami Yesu Kristo bubane n'imitima yanyu. Amina.