[1] Ubu bugira bube ubwa gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k'ivyabona bibiri canke bitatu.
[2] Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntari iyo ni ko ndabivuga bitaraba, ndabarira abacumuye kera n'abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe;
[3] kuko murondera ikimenyetso co kwerekana yuko Kristo ari we amvugisha, umwe atari umunyantege nke kuri mwebwe, ariko agira ubushobozi hagati yanyu.
[4] Kuko intege nke zateye ko abambwa, ariko none ariho ku bwo ubushobozi bw'Imana. Natwe turi abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubwo ubushobozi bw'Imana tubereyeho mwebwe.
[5] Ba ari mwebwe mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebwe mwiraba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebwe? —kiretse ko mwoba muri abahinyuwe!
[6] Ariko nizigiye yuko muzomenya ko tweho tutari abahinyuwe.
[7] Kandi turasaba Imana ngo ntimugire ikibi mukora, si ukugira ngo tuboneke ko turi abemewe, ariko ni ukugira ngo mukore iciza, natwe tuboneke nk'abahinyuwe.
[8] Kuko tudashobora kurwanya ukuri, ariko duherereye mu ruhande rw'ukuri.
[9] Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi; kandi ico dusaba ngiki, ni uko mutunganywa rwose.
[10] Ni co gitumye ndabandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe sinzohambare, nk'uko nahawe ububasha n'Umwami wacu bwo kwubaka, ariko si ubwo gusambura.
[11] Ibisigaye bavukanyi, muganuke; mutungane rwose, mwemere guhanurwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana nyene urukundo n'amahoro izobana namwe.
[12] Muramukanishe kugumbirana kwera.
[13] Abera bose barabaganutsa.
[14] Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo, n'urukundo rw' Imana, n'ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.