Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:16

[1] Ariko nagabiye mu mutima kutazogaruka i wanyu nzanye umubabaro.

[2] Ni nabatera umubabaro, uwuzonezereza ni nde? Si uwo nteye umubabaro nyene?

[3] Kandi nandikiye ivyo, kugira ngo aho nzozira sinterwe umubabaro n'abari bakwiye kunezereza; kuko ndabizigira mwese yuko umunezero wanje ari wo wanyu mwese.

[4] Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi; ntikwari ukugira ngo muterwe umubabaro mwebwe, ariko kwari ukugira ngo mumenye urukundo ndushiriza kubagirira.

[5] Ariko namba hari umuntu ateye umubabaro, si jewe awuteye, ariko ni mwebwe awuteye mwese—singomba kubababaza cane, ariko bamwe ni agace.

[6] Ico gihano abenshi bamuhanye, kiramaze k'uwumeze atyo.

[7] None ni co gituma mukwiye canecane kumuharira, no kumwirura, ngo uwumeze atyo ntarengerwe n'umubabaro usagutse.

[8] Nuko ndabinginga mumukomezeko urukundo.

[9] Kuko icanteye kubandikira ari iki: kwari ukugira ngo ndabageze, menye uko muri, ko munyumvira muri vyose.

[10] Ariko uwo muribuharire wese, nanje ndamuharira; kuko nanje ico mpariye, namba hari ico mparira, ndagihariye ku bwanyu, mu maso ya Kristo,

[11] kugira ngo Satani ntaronke ico adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.

[12] Ariko aho naja i Tirowa, njanywe n'ubutumwa bwiza bwa Kristo, ngasanga nugururiwe urugi mu Mwami wacu;

[13] nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito umuvukanyi wanje. Nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.

[14] Ariko Imana ishimwe, yama itujana nk'abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bwo kumumenyekanisha ahantu hose.

[15] Kuko turi ubumote bwiza bwa Kristo ku Mana, hagati y'abariko barakira n'abariko barahona.

[16] Kuri abo turi agacuku k'urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi turi ubumote bw'ubugingo buzana ubugingo. kandi ivyo ni nde abishobora?

[17] Kuko tutari nka bamwe benshi, bacururisha ijambo ry'Imana, ariko tuvuga nk'abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y'Imana.

Abo I Korinto Rya Kabiri — Chapters