[1] Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuherwe ubuntu bw'Imana ngo bubapfeko.
[2] Kuko yavuze ati: “Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe ubu ni igihe co kwemererwamwo, ehe ubu ni umusi wo gukirizwako.”
[3] Kandi ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivyo Imana kwacu ntikugawe.
[4] Ariko twishimagiza muri vyose nk' abakozi b'Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago,
[5] mu bimoko, mu mabohero, mu migumuko, mu butame, mu kurara maso, mu kwirirwa ubusa,
[6] mu kugira umutima utanduye, mu kugira ubwenge, mu kutarambirwa, mu kuba inda nziza, muri Mpwemu Yera, mu rukundo rutari uruheyiheyi,
[7] mw'ijambo ry'ukuri, mu bushobozi bw'Imana, dufise ibirwanisho vy'ukugororoka vyo mu kuryo n'ivyo mu kubamfu;
[8] mu cubahiro no mu gakengerwe, mu mugayo no mw'ishimwe. Twiyumvirwa nk'abanyabinyoma, ariko turi abanyakuri.
[9] Twiyumvirwa nk'abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa. Tuboneka nk'abagira bapfe, ariko Raba, turi bazima. Tuboneka nk'abahanwa, ariko ntitwicwa.
[10] Tuboneka nk'abababara, ariko tunezerwa imisi yose. Tuboneka nk'aboro, ariko dutungisha benshi. Tuboneka nk'abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.
[11] Akanwa kacu karabasesekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu uragutse.
[12] Ntimwagiwe muri twebwe, yamara mwagiwe mu mitima yanyu.
[13] Nuko ndababwira nk'abana banje, namwe ni mwaguke, mwishure nk'uko mwagiriwe.
[14] Ntimwifatanye n'abatizera, kandi ata co musangiye. Ukugororoka n'ukugabitanya bifatana bite? Canke umuco n'umwiza bifatanya bite?
[15] Kandi Kristo ahuriye hehe na Beliyari? Canke uwizera n'uwutizera basangiye iki?
[16] Kandi urusengero rw'Imana ruhuza rute n'ibigirwamana? Kuko twebwe turi urusengero rw'Imana nzima; nk'uko Imana yavuze iti: “Nzobagereramwo, nzobagenderamwo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.”
[17] Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubitandukanyeko, ni ko Uhoraho avuze, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobakira.
[18] Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n'abakobwa, Ni ko Uhoraho ashobora vyose avuze.