Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:21

[1] Bavukanyi, turabamenyesha ubuntu bw'Imana amashengero y'i Makedoniya yagiriwe.

[2] Bakigeragezwa n'amarushwa menshi, umunezero wabo w'akaburarugero, n'ubworo bwabo butagira iyo buherwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bw'ivyo ubuntu bwabo.

[3] Ku bwabo baratanze nk'uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi bararushije n'ivyo bashoboye,

[4] badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n'abagaburira abera.

[5] Kandi si nk'uko twabiziga gusa, ariko babanje kwitanga biha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk'uko Imana yagomvye.

[6] Ni co catumye twinginga Tito, ngo asozere ico gikorwa c'ugutabara no muri mwebwe, nk'uko yagitanguye kera.

[7] Ariko nk'uko murushiriza kugira vyose —ukwizera, n'amajambo, ubwenge, umwete mwinshi n'urukundo mudukunda—ni murushirize no kugira ubwo buntu na bwo.

[8] Sindabivugiye kubategeka, ariko ndabivugiye kugeza urukundo rwanyu ko ari urwo ukuri, ndarugeragereshe umwete w'abandi.

[9] Kuko muzi ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yari umutunzi, yahindutse umworo ku bwanyu, kugira ngo ubworo bwiwe bubatungishe.

[10] Kandi ivyo ndababwiye kuri ivyo ni ukubagisha inama; kuko bibabereye, abatanguriye abandi uhereye ku mwaka ushize, si ukubikora gusa, ariko no kubikunda.

[11] Nuko rero mushitse no kubikora, kugira ngo nk'uko mwakunze kuvyemera, mube ari ko mubishitsa ku vyo mufise.

[12] Kuko iyo hari umutima ukunze, wemerwa ku vyo umuntu afise, si ku vyo adafise.

[13] Simvuze ntyo kugira ngo abandi boroherwe, namwe ngo mugorwe.

[14] Ariko ni ukugira ngo munganye, ngo ibibasagutseko muri iki gihe bibamare ubukene, kandi ngo ibizobabera umusesekara na bo bizobamare ubukene bwanyu, munganye.

[15] Nk'uko handitswe, ngo uwegeranije vyinshi asanga ata co asesekaje; uwegeranije bike asanga ata co akehaniwe.

[16] Ariko Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk'uwo ndabagirira.

[17] Kuko yemeye inama yacu, kandi kuko agize umwete mwinshi, aje i wanyu bivuye ku mutima.

[18] Kandi hamwe n'uwo turungitse n'umuvukanyi ngo bazanane, ishimwe ryiwe ryo ku vyo ubutumwa bwiza ryamamaye mu mashengero yose.

[19] Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n'amashengero kwama ajana natwe kubwo ico gikorwa c'ugutabara, ubwo tugabura ngo Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu ko ubikunze

[20] Kuko ico twirinda ari iki, ari ico umuntu yotugaya kubwo izi ngabire nyinshi tugabura.

[21] Tubabaye gukora ivyiza, si mu maso y' Umwami wacu gusa, ariko no mu maso y'abantu.

[22] Kandi abo tubarungikanye n'uwo muvukanyi twagejeje kenshi, akaboneka ko ari umunyamwete muri vyinshi, ariko none arushiriza kugira umwete, kuko abizigira cane.

[23] Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi n'umuvukanyi wanje dukorana ivyanyu; kandi ivyo abo bavukanyi, n'intumwa z'amashengero, kandi n'icubahiro ca Kristo.

[24] Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y'amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kubirata.

Abo I Korinto Rya Kabiri — Chapters