Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:38

[1] Jewe Pahulo ubwanje ndabinginga kubwo ubugwaneza n'ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebwe imbere yanyu, ariko iyo tutari kumwe ndabubahuka;

[2] nuko ndabinginga kugira ngo ni twaba kumwe sinzorinde kububahuka, nk'uko niteguye kuzokwubahuka nshize ubwoba, bamwe batwiyumvira ko tugenda dukurikira ivyo akameremere kacu.

[3] Naho turi n'umubiri ntiturwana mu buryo bw'umubiri,

[4] kuko ibirwanisho vy'intambara yacu atari ivyo mu buryo bw'umubiri, ariko imbere y'Imana bifise ubushobozi bwo gushingura akarimbi,

[5] dushingura impari n'igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo.

[6] Kandi twiteguye guhana ubutumva bwose, aho mwebwe muzogirira ukwumva gushitse.

[7] Mbega muraba ibibonwa n'amaso? Namba hari umuntu yizigiye ko ari uwa Kristo, yibwire n'ibi, yuko uko ari uwa Kristo, natwe ari ko turi.

[8] Kuko ububasha bwacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure, naho norushiriza kubwirata, sinzomaramazwa;

[9] sinzokwiyumvirwe nk'uwubateza ubwoba amakete yanje.

[10] Kuko bavuga bati: “Amakete yiwe arahambaye, arasogota, ariko iyo ari ino, arakengeretse, kandi amajambo yiwe nta co amaze.”

[11] Uvuga ibisa bityo ni yibwire n'ibi, yuko uko tumeze ku majambo yo mu makete atari ho turi, ari ko tumeze no ku vyo dukora ari ho turi.

[12] Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo; ariko abo, ko birehesha ubwabo kandi bigereranya ubwabo, nta bwenge bagira.

[13] Tweho ntituzokwirata ibirenze urugero, ariko tuzokwiyumvira urugero rwacu ko ruhwanye n'urugezo rw'aho Imana yatugereye, ngo dushike no kuri mwebwe.

[14] Ntiturenga akarimbi kacu, nk'abatabashitseko, kuko twarabashitseko koko, tuzanye ubutumwa bwiza bwa Kristo.

[15] Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivyo abandi bakoze. Ariko twizigiye yuko ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubwanyu, ku vyo twagerewe, ngo twagukirwe,

[16] tuvuge ubutumwa bwiza mu bihugu biri hirya yanyu, kugira ngo ntitwirate ivyo dusanze biteguye, ahagerewe uwundi.

[17] Ariko uwirata yirate Uhoraho.

[18] Kuko uwishimagiza atari we yemerwa, ariko hemerwa uwo Umwami wacu ashimagiza.

Abo I Korinto Rya Kabiri — Chapters