[1] Ivyo ukugaburira abera sindinda kubibandikira.
[2] Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yuko Abanyakaya bari basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete.
[3] Kandi ndungitse abo bavukanyi kugira ngo ukubirata kwacu ntikuzopfe ubusa muri ivyo; kugira ngo muzobe mwiteguye nk'uko nababwiye,
[4] twebwe (sinovuga mwebwe) ntituzomaramazwe n'ivyo twari twizigiye, namba Abanyamakedoniya bamwe bazozanana nanje bagasanga mutiteguye.
[5] Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bavukanyi kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivyo ubuntu mwasezeranye kera, bibe biteguwe nk'ivyo ugutabara hatarimwo ubwimanyi.
[6] Ariko ico mvuga ngiki, ngo Ubiba nke, azokwimbura bike, ubiba nyinshi azokwimbura vyinshi.
[7] Umuntu wese atange nk'uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye canke atagoberewe, kuko Imana ikunda utanga anezerewe.
[8] Kandi Imana ishobora kubasazako ubuntu bwose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose, mufise ibibahagije muri vyose.
[9] Nk'uko handitswe, ngo Yatanze isabagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamaho ibihe bidashira.
[10] Kandi Iha umubivyi imbuto n'imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kandi izogwiza imbuto z'ukugororoka kwanyu.
[11] Namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bwose, butuma dushimisha Imana.
[12] Kuko igikorwa c'ukwo kugabura kitamara ubworo bw'abera gusa, ariko kandi kirushiriza gushimisha Imana muri benshi.
[13] Kuko uburyo mwageragejwe n'ukwo kugabura bwatumye abo bahimbaza Imana yuko muwumvira, mwatura ubutumwa bwiza bwa Kristo, kandi yuko mwatabarishije vyinshi vyo kubafasha no gufasha abandi bose.
[14] Kandi mu kubasengera babagirira inkumbu, kuko ubuntu bw' Imana burushiriza kuba muri mwebwe.
[15] Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa.