[1] Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n'ubwo muranyihanganira.
[2] Ndabafitiye ishari ryo kubwo Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk'inkumi itunganye.
[3] Ariko ndiyubara yuko, nk'uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n'ukwera mu vya Kristo.
[4] Kuko iyo hagize uwuza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutababariye, canke iyo mwakiriye iyindi mpwemu mutakiriye, canke ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!
[5] Kuko nibwira yuko izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya.
[6] Naho ndi igihwiji mu majambo, sindi igihwiji mu bwenge, kandi ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.
[7] Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, ndababwiye ubutumwa bwiza bw'Imana ku busa?
[8] Nasahuye ayandi mashengero ndayaka ingero, kugira ngo nkorere mwebwe,
[9] kandi aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngora; kuko abavukanyi bavuye i Makedoniya Bamaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.
[10] Uko ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntara zo muri Akaya.
[11] Ni ku ki? Ni uko ntabakunda? Bizi Imana.
[12] Ariko ivyo nkora nzoshishikara kubikora, kugira ngo mbuze inyanduruko abagomba inyanduruko yo kuboneka nkatwe mu vyo birata.
[13] Abameze batyo n'intumwa z'ibinyoma, n'abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristo.
[14] Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w'umuco.
[15] Nuko si ikigoye ko abakozi biwe na bo bigira nk'abakozi b'ukugororoka; iherezo ryabo rizohwana n'ibikorwa vyabo.
[16] Kandi nongere kubivuga. Ntihagire uwunyiyumvira ko ndi igipfu. Ariko ni mwaramuka munyiyumviriye mutyo, munyemere nk'igipfu, kugira ngo nanje nirate gatoya.
[17] Ivyo mvuga sindabivuga nk'ijambo ry'Umwami wacu, ariko ndabivuga nk'uwuvugishwa n'ubupfu, nizigiye yuko mfise inyanduruko yo kwirata.
[18] Ko benshi birata ivyo umubiri, reka nanje nyene ndavyirate.
[19] Mwihanganira ibipfu munezerewe, kuko mwibereye abanyabwenge.
[20] Murihangana, iyo umuntu abagize abaja, iyo abariye, iyo abafashe, iyo yishize hejuru, iyo abakubise urushi.
[21] Ndabivuganye isoni; bisa n'aho tweho twabagizemwo intege nke. Ariko ikintu cose gitera umuntu gushiruka umwete (ndabivugishijwe n'ubupfu) nanje kirabintera.
[22] Mbega abo ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo.
[23] Ni abakozi ba Kristo? (Mvuga nk'umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero; kenshi nari mw'irinde ry'urupfu.
[24] Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongo itatu n'icenda.
[25] Ibihe bitatu nakubiswe ingage; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubwato bwaramenekanye, naraye mu kiyaga nirirwaho;
[26] nari mu ngendo kenshi, mw'irinde ry'inzuzi, mw'irinde ry'abambuzi, mw'irinde ry'ubwoko bwacu, mw'irinde ry'abanyamahanga, mw'irinde ryo mu bisagara, mw'irinde ryo mu bugaragwa, mw'irinde ryo mu kiyaga, mw'irinde ryo mu bigira bavukanyi;
[27] mu butame no mu bucumukure, ndara maso kenshi, ngira inzara n'inyota, mara ubusa kenshi, nicwa n'imbeho, nambara ubusa.
[28] Kandi ntarinze kuvuga ibindi, hari ikinzako uko bukeye, n'umwitwaririko w'amashengero yose.
[29] Ni nde adakomera, nanje simbe uwudakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?
[30] Namba nkwiye kwirata, nirata ivyo intege nke zanje.
[31] Imana y'Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha.
[32] I Damasiko icegera c'umwami Areta carindishije igisagara c'Abanyadamasiko ngo bamfate.
[33] Bancisha mu kadirisha k'uruhome rw'amabuye, ndi mu gisangaza, ndahunga ndamuva mu maboko.