[1] Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bwose bw'umubiri n'ubwo umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.
[2] Muduhe ikibanza mu mitima yanyu; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze.
[3] Sindabivugiye kubagaya; kuko maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, ngo dupfane kandi ngo tubaneho.
[4] Ndababwira ndabizigiye cane, ndabiratana. Nuzuye ihumure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.
[5] Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribwatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bwose; inyuma hari intambara, imbere hari ubwoba.
[6] Ariko Imana ihumuriza abicisha bugufi yaduhumurishije ukuza kwa Tito.
[7] Kandi si ukuza kwiwe kwonyene, ariko kandi ni uguhumurizwa mwamuhumurije namwe, n'uko yatwiganiye inkumbu zanyu mwangiriye, n'amarira yanyu, n'ishaka mwandwanira, ni co catumye ndushiriza kunezerwa.
[8] Naho nabateje umubabaro ca cete canje, sinicuza, naho nari naricujije; kuko ndabonye yuko ico cete cabateye umubabaro, naho mwawugize igihe gito gusa;
[9] noneho ndanezerewe; sinejerejwe n'uko mwagize umubabaro, ariko n'uko uwo mubabaro wabateye kwihana. Kuko mwagize umubabaro mu buryo bw' Imana, kugira ngo ntihagire ico mubura ku bwacu.
[10] Umubabaro wo mu buryo bw'Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza; ariko umubabaro wo mu buryo bw'isi utera urupfu.
[11] Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bw'Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi utyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, guhigimanga, gutinya, inkumbu, ishaka no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe muri ivyo.
[12] Nuko naho nabandikiye, ivyanyandikishije si ivyo uwagize nabi, kandi si ivyo uwagiriwe nabi, ariko ni ukugira ngo umwete mutugirira werekanirwe hagati yanyu mu maso y'Imana.
[13] Ni co catumye duhumurizwa. Kandi muri ukwo guhumurizwa turushiriza guterwa umunezero n'umunezero wa Tito, kuko umutima wiwe waruhuwe namwe mwese.
[14] Namba hari icanteye ko ndabirata ndabaratira Tito, ntivyantetereje; ariko nk'uko twababwiye vyose ukuri, ni ko ni ukwirata kwacu, twaratiye Tito, kwabonetse ko ari ukwo ukuri.
[15] Kandi umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n'ingene mwamwakiriye mutinya, muhinda agashitsi.
[16] Nezerewe yuko mfise umutima uremye ku bwo ivyanyu vyose.