Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:35

[1] Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubwo busuku, nk'uko twagiriwe ikigongwe.

[2] Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry'Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu maso y'Imana ku mutima w'umuntu wese.

[3] Ariko namba ubutumwa bwiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona,

[4] ni bo batizera, bamwe ikigirwamana c'iki gihe cahumye imitima, ngo umuco w'ubutumwa bw'ubwiza bwa Kristo ntubakire, ni we shusho y'Imana.

[5] Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu ko ari we Mwami, natwe yuko turi abashumba banyu ku bwa Yesu.

[6] Imana, imwe yavuze ngo umuco wake, uvuye mu mwiza, ni yo yakiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubwiza bw'Imana buri mu maso ha Yesu Kristo.

[7] Ariko dufise ubwo butunzi mu nzavya z'ibumba, ngo ubushobozi buhebuje bube ubwo Imana, butavuye kuri twebwe.

[8] Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mpatane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima;

[9] turahamwa, ariko ntiduhebwa; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho.

[10] Imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ngo ubugingo bwa Yesu na bwo buserukire mu mubiri wacu.

[11] Kuko twebwe abariho, na ntaryo dutangwa ngo dupfe baduhora Yesu, ngo ubugingo bwa Yesu na bwo buserukire mu mubiri wacu uzopfa.

[12] Nuko rero urupfu rudukoreramwo, ariko ubugingo bubakoreramwo.

[13] Ariko ko dufise uwo mutima wizera, uboneka mu vyanditswe, ngo nizeye, ni co catumye mvuga; natwe nyene turizera, ni co gituma tuvuga.

[14] Kuko tuzi yuko iyazuye Umwami Yesu, natwe izotuzurana na Yesu, kandi izomudushira, twe namwe.

[15] Kuko ivyo vyose biba ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw'Imana bwongeranishwe n'ukugwira kw' abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.

[16] Ni co gituma tutihebura; ariko, naho umuntu wacu wo ku rukoba ariko arabora, umuntu wacu w'imbere yama ahinduka musha uko bukeye.

[17] Kuko amarushwa yacu ahwahutse y' akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubwiza buremereye bw'ibihe bidashira.

[18] Natwe ntituraba ku biboneka, ariko turaba ku bitaboneka; kuko ibiboneka ari ivyo igihe gito, ariko ibitaboneka bikaba ivyo ibihe bidashira.

Abo I Korinto Rya Kabiri — Chapters