[1] Turazi yuko inzu y'urusago yacu yo kw'isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n'amaboko, itazoshira yo mw'ijuru.
[2] Kuko tunihira muri uru rusago, twifuza kurwambikirwako inzu yacu izova mw'ijuru,
[3] namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.
[4] Kuko twebwe abari muri uru rusago tuniha turemerewe, si uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngo igipfa kimirwe n'ubugingo.
[5] Kandi iyaturoranije ku bwo ico nyene n'Imana, iyatugwatirije Mpwemu.
[6] Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yuko iyo turi i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y'Umwami wacu—
[7] kuko tugenda turongorwa n'ukwizera, ntiturongorwa n'ivyo tubona—
[8] ego me turinda mu mutima, kandi ico turushiriza gukunda ngiki: ni ukugerera kure y'umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.
[9] Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo turi i wacu mu mubiri, canke iyo tugerereye kure y'umubiri.
[10] Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y'intebe y'imanza ya Kristo, kugira ngo umuntu wese ahabwe ibihwanye n'ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.
[11] Nuko kuko tuzi ingene ukwubaha Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, ariko Imana turayigaragarira kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n'imitima yanyu.
[12] Ntitwongera kubishimagizako, ariko tubaha inyanduruko y'ingene mwokwirata ku bwacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima.
[13] Namba dusaze, dusaze ivyo Imana; namba dufise ubwenge, ni mwebwe dukorera.
[14] Kuko urukundo rwa Kristo rutugobera, kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko umwe yapfiriye bose, nuko rero bose barapfuye.
[15] Kandi icatumye apfira bose kwari ukugira ngo abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.
[16] Ni co gituma kuva ubu tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vyo umubiri, ariko noneho ntitukimumenya dutyo.
[17] Nuko rero umuntu wese iyo ari muri Kristo, aba ari icaremwe gishasha; ivya kera biba bihise, vyose biba bibaye bishasha.
[18] Ariko ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubwa Kristo, ikaduha igikorwa c'ukunywanisha,
[19] ni kwo kuvuga yuko Imana yari muri Kristo yiyuzuza n'abari mw'isi, ntiyabaharurako ibicumuro vyabo, kandi yatubikije ijambo ry'umwuzuzo.
[20] Ni co gituma turi intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n'iyibaduhanurisha. Turabahanura mu gishingo ca Kristo, mwuzure n'Imana.
[21] Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha ku bwacu, kugira ngo tumuhindukiriremwo ukugororoka kw'Imana.