[1] Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke turinda amakete yo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk'uko bamwe bandi bagomba?
[2] Ni mwebwe cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma.
[3] Kuko muboneka ko muri ikete Kristo yatwandikishije, nk'uko igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe irangi, ariko candikishijwe Mpwemu w' Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy'amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y'inyama.
[4] Uko ni ko twizigira Imana ku bwa Kristo.
[5] Si uko dushobora ubwacu kwiyumvira ikintu cose nk'aho ari twebwe candurutseko, ariko dushobozwa n'Imana;
[6] ni yo yadushoboje kuba abakozi b'isezerano rishasha, yamara si abakozi b'ivyandikishijwe indome, ariko ni abo impwemu; kuko ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, ariko impwemu ihesha ubugingo.
[7] Yamara ubwo bugabuzi bwandikishijwe indome zikorogoshowe mu mabuye bwaganzwa n'urupfu, naho bwari bwazananye n'ubwiza. Ariko ubwo bwiza, naho bwagenda bushira, bwatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose.
[8] None ko vyabaye bityo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n'ubwiza?
[9] Ubugabuzi bwo gutsindwa ko ari ubwiza, ubugabuzi bwo kugororoka burushiriza kugira ubwiza bw'akaburarugero.
[10] Mbere icari gisanganywe ubwiza nta bwiza kigifise, kuko haje ubwiza bukirengeye.
[11] Igishira ko cari n'ubwiza, igihoraho kirushiriza cane kugira ubwiza.
[12] Nuko ko dufise icizigiro kingana gityo, tuvuga tutabobotereza na gatoya.
[13] Ntidusa na Mose, yitwikira mu maso, kugira ngo abisirayeli ntibahange amaso iherezo ry'ubwariko buraherengetera.
[14] Ariko imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa n'ubu, ca citwikiro kikiriho mu gisomwa c'isezerano rya kera, ntikirakurwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.
[15] Ariko gushitsa n'ubu, ivya Mose iyo bisomwa ico citwikiro kiba ku mitima yabo.
[16] Yamara, iyo umuntu ahindukiriye Umwami, ico citwikiro gica gikurwaho.
[17] Ariko uwo Mwami ni we Mpwemu; kandi aho Mpwemu w'Uhoraho ari, ni ho haba umwidegemvyo.
[18] Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk'icirore ubwiza bw'Umwami, turahinduka, tugashushanywa n'iyo shusho, tukava mu bwiza tukaja mu bundi, nk'abahindurwa n'Umwami, ari we Mpwemu.