[1] Pahulo, intumwa itatumwe n'abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n'Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,
[2] mfatanije n'abavukanyi turi kumwe bose kubandikira, mwebwe abo mu mashengero y'i Galatiya.
[3] Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
[4] Uwo mwami Yesu Kristo yitangiye ivyaha vyacu, ngo aturokore muri iki gihe kibi c'ubu, nk'uko Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.
[5] Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amina.
[6] Natangajwe ni uko muriko murareka vuba mutyo Iyabahamagaye ku bwo ubuntu bwa Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n'ubwo,
[7] kandi ata bundi buriho; ariko hariho abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo.
[8] Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw'ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n'ubwo twababariye, arakavumwa.
[9] Nk'uko twavuze ubwa mbere, n'ubu nongeye kubivuga ko ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n'ubwo mwemeye, arakavumwa.
[10] Mbega ubu n'ishimwe ry' abantu ngomba, canke ni iryo Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba ndi umushumba wa Kristo.
[11] Ku vyo ubutumwa navuze, ndabamenyesha bavukanyi, yuko atari ubwo abantu.
[12] Kuko nanje ntabuhawe n'umuntu, kandi sinabwigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.
[13] Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw'idini y'Abayuda, ingene nahiga ishengero ry'Imana birengereje, nkaritikiza.
[14] Kandi mu bwoko bwacu narushije benshi bo mu bo twarukanye kuja imbere mw'idini y'Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry'imigenzo twarazwe na ba sogokuruza.
[15] Ariko aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara ku bwo ubuntu bwayo,
[16] guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bwiwe bwiza mu banyamahanga. Ako kanya sinagishije inama abafise inyama n'amaraso,
[17] kandi sinaduze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.
[18] Maze imyaka itatu ishize nduga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mara i we imisi icumi n'itanu.
[19] Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w'Umwami Yesu.
[20] Ivyo ndabandikiye ni ukuri, ehe ndabivugiye imbere y'Imana, simbesha.
[21] Maze nja mu ntara z'i Siriya n'i Kilikiya.
[22] Abo mu mashengero y'i Yudaya yo muri Kristo ntibaribwambone.
[23] Ariko bumva gusa abamvuga bati: Umwe yahora aduhiga mbere, ubu asigaye yamamaza ivyizerwa yari yagerageje kuzimanganya.
[24] Nuko bahimbaza Imana kubwanje.