Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:59

[1] Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu. Kuko ivyo ari vyo bigororotse.

[2] Wubahe so na nyoko; ico ni co cagezwe ca mbere kirimwo isezerano,

[3] kugira ngo uronke amahoro, urambire kw'isi.

[4] Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uko Umwami wacu agomba.

[5] Bashumba, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk'uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu.

[6] Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk' abanezereza abantu, ariko mubakorere nk'abashumba ba Kristo, mukora ivyo Imana igomba bivuye ku mutima.

[7] Mubakorere n'umutima ubikunze, nk'abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk'abakorera abantu.

[8] Kuko muzi yuko umuntu wese iyo akoze iciza, azocishurwa na Shebuja mukuru, n'iyo yoba umushumba canke uwidegemvya.

[9] Namwe ba shebuja, mubagirire mutyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw'ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.

[10] Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bwiwe bwinshi.

[11] Mwambare ibirwanisho vyose vy'Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n'ubugunge bwa wa mugarariji.

[12] Kuko abo tunigana atari abo inyama n'amaraso, ariko tunigana n'abakuru n'abafise ububasha n'abaganza iyi si y'umwiza, n'impwemu mbi z'ahantu ho mw'ijuru.

[13] Kubwo ivyo mwakire ibirwanisho vyose vy'Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.

[14] Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk'inkinzo y'icuma ikingira igikiriza.

[15] Mwambaye ibirato ari ivyo mwete w'ubutumwa bwiza bw'amahoro.

[16] Kandi hamwe n'ivyo vyose mwakire inkinzo y'ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro.

[17] Mwakire inkofero y'agakiza, bo n'inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry'Imana.

[18] Musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bwose bwo gusenga no kwinginga, kandi ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.

[19] Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabwe insiguro uko mvuze kwose, namamaze nshirutse amazinda ibanga ry'ubutumwa bwiza,

[20] kuko ndi intumwa yabwo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabwo nshize amazinda, nk'uko bimbereye kuvuga.

[21] Kandi Tukiko, umuvukanyi nkunda, umukozi w'umwizigirwa mu vy'Umwami wacu, azobiganira vyose, kugira ngo mumenye ivyanje, uko meze.

[22] Ni we ndabatumyeko kubwo ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngo aremeshe imitima yanyu.

[23] Amahoro abe mu bavukanyi, n'urukundo rufatanije n'ukwizera, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.

[24] Ubuntu bw'Imana bubane n'abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.

Abanyefeso — Chapters