[1] Ni co gitumye ndabinginga, jewe imbohe y'Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,
[2] mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo.
[3] Mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w'amahoro.
[4] Hariho umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk'uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c'ihamagarwa ryanyu.
[5] Hariho Umwami umwe, ukwizera kumwe no kubatizwa kumwe.
[6] Hariho n'Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose.
[7] Ariko umuntu wese muri twebwe yahawe ubuntu, nk'uko tugererwa ingabire ya Kristo.
[8] Ni co gituma ivuga iti: Yaraduze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.
[9] Ariko iryo jambo ngo Yaraduze, ni ukuvuga iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu?
[10] Uwo yamanutse ni we yaduze, aja hejuru y'amajuru yose, kugira ngo anengesere vyose.
[11] Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n'abigisha,
[12] kugira ngo abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivyo Imana, bubake umubiri wa Kristo;
[13] kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n'ukumenya Umwana w'Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw'ubwinshi bw'ukunengesera kwa Kristo;
[14] kugira ngo dushire ubwana, ntituzungazungishwe n'imipfunda, ngo tujanwe irya n'ino n'imiyaga yose y'inyigisho n'ububeshi bw'abantu, n'ubugunge bwabo, n'uburyo bwinshi bwo kutuzimiza.
[15] Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo.
[16] Umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n'ibifashisho vy'ingingo zawo zose, nk'uko igice cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.
[17] Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk'uko abanyavyaha bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bwenge bwabo.
[18] Ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n'ubugingo buva ku Mana kubwo ukutamenya kuri muri bo, n'ukudadarara kw'imitima yabo.
[19] Kandi babaye ibitimbe, bishira mu ngeso z'isoni nke, gukora ibihumanya vy'uburyo bwose bifatanije n'ukwifuza.
[20] Ariko mweho ntimwize Kristo mutyo,
[21] namba mwaramwumvise, mukigishirizwa muri we nk'uko ukuri kwo muri Yesu kuri,
[22] kubabwira ku vyo ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n'ukwifuza kw'uruhendo;
[23] mugahinduka bashasha mu mpwemu y'ubwenge bwanyu,
[24] mukambara wa muntu mushasha, yaremwe mw'ishusho y'Imana mu kugororoka no mu kwera kw'ukuri.
[25] Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivyo ukuri n'umubanyi wiwe, kuko turi ingingo z'abandi.
[26] Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha. Izuba ntirirenge mukiratse,
[27] kandi ntimuhe wa mugarariji icicaro.
[28] Uwiba ntakongere kwiba, ariko apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngo aronke ivyo gufasha uwukenye.
[29] Ntihazogire ibiyago bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza uwukwiye kuribwirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bw'Imana.
[30] Kandi ntimukababaze Mpwemu w'Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.
[31] Umururazi wose ukujingitwa, ishavu, gutongana n'ugutukana bibavemwo, hamwe n'inzigo yose.
[32] Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk'uko Imana na yo yabahariye muri Kristo.