Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:29

[1] Ni co gituma jewe Pahulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebwe abanyamahanga,

[2] namba mwarumvise ububwiriza bwa bwa buntu bw'Imana nahawe kubagaburira;

[3] yuko mu guhishurirwa natiwe ibanga, nk'uko nabanje kwandika mu majambo make,

[4] namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.

[5] Ivyo, abana b'abantu ntibabimenyeshejwe mu bindi bihe, nk'uko muri iki gihe intumwa ziwe zera n'abavugishwa na we babihishuriwe na Mpwemu;

[6] yuko abanyamahanga basangiye natwe iragi, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubwo ubutumwa bwiza.

[7] Nacitse umukozi wabwo, nk'uko ingabire y'ubuntu bw'Imana iri, nabuhawe, nk'uko ubushobozi bwayo bukora.

[8] Jewe, uwuri mu nyuma y'uwo mu nyuma y'abera bose. Naherewe ubwo buntu kubwira abanyamahanga ubutumwa bwiza bw'itunga rya Kristo ritagira aho riherera,

[9] no guserurira bose ububwiriza bw'ibanga ubwo ari bwo. Ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;

[10] kugira ngo noneho abakuru n'abafise ububasha b'ahantu ho mw'ijuru bamenyere kw'ishengero ubwenge bw'Imana bw'uburyo bwinshi.

[11] Nk'uko imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu.

[12] Muri we ni ho duherwa ubushizi bw'ubwoba no gushikira Imana tuyizigiye, kubwo kumwizera.

[13] Ni co gituma ndabinginga ngo ntimwihebuzwe n'amarushwa yanje yo kubwanyu, kuko ari yo cubahiro canyu.

[14] Ni co gituma mpfukamira Data wa twese,

[15] uwo imiryango yose yo mw'ijuru n'iyo mw'isi yitirirwa,

[16] ngo abahe, nk'uko itunga ry'ubwiza bwiwe riri, kuremeshwa n'ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe.

[17] Kristo abe mu mitima yanyu kubwo ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n'amabuye y'umushinge arwubatswemwo,

[18] mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n'abera bose uburebure bw'ubwaguke, ubwo amakika, ubwo amaja ruguru n'ubwo amajepfo ubwo ari bwo,

[19] mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kwuzuzwa mushitse ku kwuzura kw'Imana kwose.

[20] Nuko Iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n'ivyo twiyumvira vyose, nk'uko ubushobozi bwayo budukoreramwo buri,

[21] icubahiro kibe icayo mw'ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b'ibihe bitazoshira. Amina.

Abanyefeso — Chapters