[1] Pahulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu ni uko Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b'abizigirwa bo muri Kristo Yesu.
[2] Ubuntu bubabemwo n'amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
[3] Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y'impwemu ahantu ho mw'ijuru muri Kristo.
[4] Nk'uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry'isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembwa imbere yayo, turi mu rukundo.
[5] Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubwayo, nk'uko yabigomvye bikayihimbara.
[6] Kugira ngo ubwiza bw'ubuntu bwayo yatugabiriye mu wo ikunda bushimwe.
[7] Muri we ni ho duherwa gucungurwa n'amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk'uko itunga ry'ubuntu bwayo riri.
[8] Yabudusesekarijemwo mu bwenge bwose no kumenya;
[9] itwatiye ibanga ry'ivyo igomba, nk'uko vyayihimbaye, ivyigiriye imigabo kuva kera muri we,
[10] vy'ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw'ijuru n'ibiri mw'isi.
[11] Kuba muri uwo kwaduhesheje gucika ihanga ryayo, twashiriweho kera nk'uko Iyo yabigabiye, ikora vyose nk'uko imigabo yo mu mutima wayo iri;
[12] kuzoba abo guhesha icubahiro ubwiza bwayo, twebwe abizigiye Kristo kera.
[13] Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry'ukuri, ni ryo butumwa bwiza bw'agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriweko ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe.
[14] Ni we ngwati y'umwandu tuzohabwa, kugira ngo abo Imana yaronse ibacungure, ngo ubwiza bwayo bushimwe.
[15] Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebwe, n'urukundo mukunda abera bose,
[16] ntahengeshanya kubashimira Imana, ndabahoza mu kanwa uko nsenze,
[17] ngo Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w'ubwiza, ibahe umutima w'ubwenge no guhishurirwa mu kuyimenya;
[18] ngo amaso y'imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n'uguhamagara kwayo ivyo ari vyo, mumenye n'itunga ry'ubwiza bw'umugabane ufise mu bera.
[19] Mumenye n'ubwinshi buhebuje bw'ubushobozi bwayo ikoreshereza muri twebwe abizera, nk'uko kwa gukora kw'ububasha bw'ubushobozi bwayo kungana,
[20] ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bwayo ahantu ho mw'ijuru,
[21] imushize hejuru cane y'ubukuru bwose, ububasha bwose, ubushobozi bwose, ubwami bwose n'izina ryose rivugwa, si muri iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.
[22] Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y'ibirenge vyiwe, kandi imuha ishengero ngo abe umutwe waryo wo gusumba vyose,
[23] ni ryo mubiri wiwe w'ubwuzure, bwuzuza vyose vy'ahantu hose.