Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:01

[1] Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n'ibigabitanyo n'ivyaha vyanyu,

[2] ivyo mwagenderamwo kera, nk'uko ivyo iyi si bigenda, mwumvira umwami w'abaganza ikirere, ni we mpwemu ikorera mu bantu b'intabarirwa.

[3] Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw'imibiri yacu, tugakora ivyo imibiri n'imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twari abo kurakirwa, nk'abandi bose.

[4] Ariko Imana, kuko ari umutunzi w'ikigongwe, kubwo urukundo rwayo rwinshi yadukunze,

[5] hamwe twari tugipfuye, twishwe n'ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo—ubuntu ni bwo bwabakijije—

[6] yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw'ijuru, turi muri Kristo Yesu,

[7] kugira ngo mu bihe bizoza izokwerekane itunga rihebuje ry'ubuntu bwayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.

[8] Ubuntu ni bwo bwabakijije kubwo ukwizera; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y'Imana;

[9] ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n'umwe yishimagiza.

[10] Kuko turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.

[11] Nuko mwibuke yuko ubwa mbere, mwebwe abanyamahanga ku rukoba, mwebwe mucitwa abatahimbuwe igikoba c'ubugabo n'abo bitwa abahimbuwe igikoba c'ubugabo n'intoke ku mubiri,

[12] ko ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n'itandukaniro n'ihanga rya Isirayeli, atasano mufitaniye n'amasezerano y'ivyasezeranywe, ata co mwizigiye ku bizoba, mwari mw'isi mutagira Imana Rurema.

[13] Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure kera mwigijwe hafi n'amaraso ya Kristo.

[14] Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya,

[15] ubwansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bwo vya vyagezwe birimwo amabwirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememwo umuntu umwe musha, ngo azane amahoro atyo;

[16] kandi ngo ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n'Imana umusaraba, awicishije bwa bwansi.

[17] Yaraje, ababwira ubutumwa bwiza bw'amahoro, mwebwe abari kure. Kandi abari hafi na bo ababwira amahoro.

[18] Kuko, uko twari amoko abiri, ubu ni we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.

[19] Nuko ntimukiri abashitsi n'abanyamahanga, ariko musangiye ubwoko n'abera, muri abo mu ngoro y'Imana;

[20] kuko mwubatswe ku mabuye y'umushinge, ari yo ntumwa n'abavugishwa n'Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.

[21] Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngo ibe urusengero rwera mu Mwami wacu.

[22] Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.

Abanyefeso — Chapters