Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:33

[1] Nuko mwigane Imana, nk' abana ikunda.

[2] Kandi mugendere mu rukundo, nk'uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n'ikimazi bihabwa Imana, umubabwe umota neza.

[3] Ariko ubusambanyi n'ibihumanya vyose canke ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk'uko bibereye abera.

[4] Ibiteye isoni canke amajambo y'ubupfu canke ibitwenza bibi ntibikumvikane muri mwebwe kuko ivyo bitabereye; ikibereye ni ugushima Imana.

[5] Kuko ibi mubizi neza, yuko ata mushakanyi, canke igihumane, canke uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n'Imana.

[6] Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo y'ubusa; kuko ivyo ari vyo bizanira ishavu ry'Imana abantu b'intabarirwa.

[7] Nuko ntimugafatanye na bo;

[8] kuko kera mwari umwiza, none mukaba muri umuco mu Mwami wacu. Mugende nk'abana b'umuco,

[9] kuko imbuto y'umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.

[10] Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu.

[11] Kandi ntimugafatanye n'ibikorwa vy'imburakimazi vy'umwiza, ariko canecane mubiserure,

[12] kuko ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.

[13] Ariko vyose, iyo bishizwe ahabona, bigaragazwa n'umuco, kuko ikigaragazwa cose kiri mu muco.

[14] Ni co gituma bivugwa, ngo ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.

[15] Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, ntimugende nk'imburabwenge, ariko mugende nk' abanyabwenge.

[16] Akaryo muronse, mugakoresha neza, kuko imisi ari mibi.

[17] Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami wacu agomba ivyo ari vyo.

[18] Kandi ntimukaborerwe umuvinyu, urimwo ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.

[19] Mubwirane zaburi, indirimbo n'amatazirano y'ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu.

[20] Imana, Data wa twese, muyishimire vyose imisi yose, mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo.

[21] Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo.

[22] Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk'uko mugamburukira Umwami wacu.

[23] Kuko umugabo ari we mutwe w'umugore wiwe, nk'uko Kristo na we ari umutwe w'ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe.

[24] Ariko nk'uko ishengero rigamburukira Kristo, kube ari ko abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose.

[25] Bagabo, mukunde abagore banyu, nk'uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura,

[26] ngo aryeze, aryogesheje amazi n'ijambo,

[27] maze ngo arirengukane imbere yiwe, ari ishengero rifise ubwiza, ridafise amarabaga canke agatotsi canke ikintu cose gisa gityo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembwa.

[28] Ni ko abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk'imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe, aba yikunda,

[29] kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira, akawubungabunga, nk'uko Kristo na we agirira ishengero.

[30] Kuko turi ingingo z'umubiri wiwe.

[31] Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n'umugore wiwe ubutakivana, bompi bakaba umubiri umwe.

[32] Iryo banga rirahambaye, ariko ryerekeye kuri Kristo n'ishengero.

[33] Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk'uko yikunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.

Abanyefeso — Chapters