Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:43

[1] Pahulo na Timoteyo, abakozi ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b'i Filipi, hamwe n'abazezwashengero n'abakozi baryo.

[2] Ubuntu n'amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo bibabemwo.

[3] Nshima Imana yanje, uko ndabibutse kwose.

[4] Kandi uko nsenze kwose ndabasengera mwese nezerewe,

[5] kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bwiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n'ubu.

[6] Kandi ico nizigiye ntakekeranya, ni uko uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.

[7] Nanje birambereye kubiyumvirako gutyo mwese, kuko ndabafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bwiza no kubutsimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bw'Imana.

[8] Imana ni yo ntanzeko icabona c'ingene ndabagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.

[9] Kandi ico nsengera, ni ukugira ngo urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bwenge no mu kumenya kwose.

[10] Murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya canke ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,

[11] mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n'ishimwe.

[12] Bavukanyi, ndagomba ko mumenya yuko ivyambayeko canecane vyashize imbere ubutumwa bwiza.

[13] Bituma iminyororo yanje yo kubwa Kristo imenyekana mu basoda bose bahora bacungera irembo ryo kwa Kayisari, no mu bandi bose.

[14] Kandi abenshi bo mu bavukanyi banje bari mu Mwami wacu, baremeshejwe n'iminyororo yanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry'Imana bashize amazinda.

[15] Mugabo bamwe ishari n'ibihari ni vyo bibatera kuvuga ivya Kristo; abandi babivugishwa babitumwe n'umutima mwiza.

[16] Abo babivugishwa n'urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukiranira ubutumwa bwiza.

[17] Ba bandi ikeba ni ryo ribatera kuvuga ivya Kristo atari uko bivuye ku mutima, biyumvira ko ari ukwongera kumutoneka mu ngoyi zanje.

[18] Hari ico biriko? Kizima mu buryo bwose, ari mu buryarya ari mu kuri, Kristo avugwa, kandi ivyo ndabinezererewe, kandi nzokwama ndabinezererwa;

[19] kuko nzi yuko ivyo bizomviramwo agakiza, munsengeye kandi mfashijwe na Mpwemu wa Yesu Kristo,

[20] nk'uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimaramaza, ariko ko mu bushizi bw'amakenga bwanje bwose Kristo aheshwe icubahiro n'umubiri wanje, nk'uko bihora biba, na none ko ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.

[21] Kuko kubwanje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ari inyungu.

[22] Ariko namba ari ukubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z'igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo.

[23] Ndazazaniwe muri ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kuko ari co kirushirije cane.

[24] Yamara kuguma mu mubiri ni co corushiriza kubagirira ikimazi.

[25] Kandi ko nizigiye ivyo, ndazi neza yuko nzogumaho, nkabana namwe mwese, kugira ngo muje imbere, munezererwe ukwizera;

[26] ngo muzorushirize kunyirata muri Kristo Yesu nsubiye kugaruka i wanyu.

[27] Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk'uko bibereye ubutumwa bwiza bwa Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bwiza,

[28] ko mudakangwa n'abansi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebwe ico agakiza, kandi kivuye ku Mana.

[29] Kuko ico mwagabiwe kubwa Kristo, atari ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubwiwe;

[30] muri muri ya ntambara mwambonanye kandi iyo munyumvana n'ubu.

Abo I Filipi — Chapters