Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:11

[1] Bavukanyi, umuntu n'iyo yobonekako icaha, mwebwe abo impwemu mutunganye uwumeze atyo, mumuhanurishe umutima w'ubugwaneza. Kandi wiyubare ubwawe, nawe nyene ntiwoshwe nabi.

[2] Mwakirane imitwaro, mushikane mutyo ivyagezwe na Kristo.

[3] Umuntu ni yiyumvira ko ari agakomeye, kandi ata co amaze, aribesha.

[4] Ariko umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bwite, atari kubwo uwundi.

[5] Kuko umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.

[6] Ariko uwigishwa ijambo ry'Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.

[7] Ntimuzimire, Imana yo nticokorwa; kuko ico umuntu abiba cose ari co azokwimbura.

[8] Uwubiba mu buryo bw'umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; ariko uwubiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.

[9] Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kuko igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.

[10] Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, canecane abo inzu y'abizera.

[11] Murabe ingene ndabandikishirije ukuboko kwanje inyuguti nininini.

[12] Abagomba bose kwiha igikundiro ku vyo umubiri ni bo babagobera guhimburwa igikoba c'ubugabo; nta yindi nyanduruko, ni ukugira ngo ntibahamwe bahorwa umusaraba wa Kristo.

[13] Kuko abahimbuwe igikoba c'ubugabo na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko muhimburwa igikoba c'ubugabo, ngo birate imibiri yanyu.

[14] Ariko jeho sinkirate ikindi, atari umusaraba w'Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambwe, nanje isi nkayibera ikibambwe.

[15] Kuko guhimburwa igikoba c'ubugabo ata kimazi, no kudahimburwa igikoba c'ubugabo nta kimazi, ikigira ikimazi ni icaremwe gishasha.

[16] Abazogendera kuri urwo rugezo, amahoro abe muri bo n'ikigongwe, no mu Bisirayeli b' Imana.

[17] Uhereye ubu ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Yesu.

[18] Bavukanyi, ubuntu bw' Umwami wacu Yesu Kristo bubane n'imitima yanyu. Amina.

Galatiya — Chapters