[1] Maze hahise imyaka icumi n'ine, nongera kudugana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana.
[2] Kandi naduzeyo ku bwo guhishurirwa, ndabashira imbere ubutumwa bwiza mvuga mu banyamahanga, ariko ndabushira imbere y'abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa.
[3] Ariko na Tito twari kumwe naho yari Umugiriki ntibamugobereye guhimburwa igikoba c'ubugabo.
[4] Kandi ari co coshimishije abigira abavukanyi banyegetejwe mw'ishengero, binjiye mu mpisho ngo basume urusaku ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.
[5] Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ngo ukuri kw'ubutumwa bwiza kugume muri mwebwe.
[6] Ariko abashimwa ko ari bakuru —uko bari bameze ubwa mbere sindabibabaye, kubwanje vyose ni bimwe, Imana ntirobanura abantu ku cubahiro—abo bashimwa nta co banyongerereje.
[7] Ariko babonye yuko najejwe ubutumwa bwo kwigisha abatahimbuwe igikoba c'ubugabo, nk'uko Petero yajejwe ubwo kwigisha abahimbuwe igikoba c'ubugabo.
[8] Kuko Iyashoboje Petero gutumwa ku bahimbuwe igikoba c'ubugabo, ari yo yanshoboje nanje gutumwa kubatari Abisirayeli.
[9] Yakobo, Kefa na Yohana, bashimwa ko ari inkingi, bamaze kumenya ubuntu nahawe, baduha ukuboko twe na Barunaba, ngo dufatanye nabo; ngo twebwe tuje ku batari Abisirayeli, na bo baje ku bahimbuwe igikoba c'ubugabo.
[10] Ariko ico bagomvye gusa n'uko twibuka aboro, ari co nyene nanje nari nsanzwe mfitiye umwete.
[11] Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, namuharirije imbonankubone, kuko yari n'ibimutsindishije.
[12] Kuko imbere yuko abavuye kwa Yakobo bashikayo yasangira n'abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanena, kuko atinye abo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo.
[13] Kandi n'abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n'ubwo buhumvyi bwabo.
[14] Ariko ndabonye badaca mu nzira igororotse, nk'uko ukuri kw'ubutumwa bwiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose nti: Ko wewe witondera ingeso z'abanyamahanga, zitari izo Abayuda, kandi uri Umuyuda, ugobera ute abanyamahanga kuba nk'Abayuda?
[15] Twebwe mu kameremere kacu turi Abayuda, ntituri abanyavyaha bo mu banyamahanga.
[16] Ariko tuzi yuko umuntu adatsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe, ariko atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atari ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe; kuko ata muntu atsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe.
[17] Ariko namba twabonetse ko turi abanyavyaha, hamwe twarondera guhindurwa intungane no kuba muri Kristo, mbega Kristo ni umukozi agabura icaha? Eka na mba!
[18] Nokwongera kwubaka ivyo nasambuye noba niseruye ko ndi umuntu acumura.
[19] Ivyagezwe vyanteye gupfa ku vyagezwe, ngo mbeho ku Mana.
[20] Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri ndabikoreshwa no kwizera Umwana w'Imana yankunze, akanyigura.
[21] Simpindura ubusa ubuntu bw'Imana, kuko asangwa ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa.