Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:18

[1] Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo. Nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzingirwa n'ugutwazwa ituntu n'ubuja.

[2] Umve, jewe Pahulo ndababwira yuko ni mwahimburwa igikoba c'ubugabo, Kristo ata co azobamarira.

[3] Kandi ndabarira umuntu wese ahimburwa igikoba c'ubugabo, ndabishingiye intahe, yuko ari n'umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose.

[4] Yemwe abagomba guhindurwa intungane n'ivyagezwe, erega muhinduye ubusa gufatana kwanyu na Kristo, muratemvye muretse ubuntu bw'Imana.

[5] Kuko twebwe, mu buryo bwa Mpwemu, twiteze ivyizigiro vy'ukugororoka, kubwo ukwizera.

[6] Kuko muri Kristo Yesu, ari uguhimbura igikoba c'ubugabo, ari ukudahimburwa igikoba c'ubugabo, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi ni ukwizera gukoreshwa n'urukundo.

[7] Ko mwagenda neza; ni nde yabateye gutezura ngo ntimwumvire ukuri?

[8] Iyo nyosha ntiyavuye kuri uwo abahamagara.

[9] Umwambiro muke ututumbisha irobe ryose.

[10] Ndabizigiye ku bwo Umwami wacu yuko mutazogira uwundi mutima; ariko uwubahagarika imitima, uwo ari we wese, urubanza ruzomusubirako.

[11] Ariko jewe, bavukanyi, namba nkibarira abantu guhimburwa igikoba c'ubugabo, ni igiki gituma ngihamwa? Igitsitaza c'umusaraba kiba carahindutse ubusa.

[12] Icompa ababavurunga bakikona rwose.

[13] Bavukanyi, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw'akameremere kanyu, ariko urukundo rubatere gukorerana.

[14] Kuko ivyagezwe vyose bihurira muri iri jambo, ngo mukunde ababanyi banyu nk'uko mwikunda.

[15] Ariko ni mwashikurana, mugatabagurana, mwirinde ntimuhezanye.

[16] Ndavuga nti: Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivyo akameremere kanyu kifuza.

[17] Kuko akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivyo akameremere kanka. Kuko ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.

[18] Ariko namba murongorwa na Mpwemu, ntimuganzwa n'ivyagezwe.

[19] Kandi ibikorwa vy'akameremere kacu biramenyekana, n'ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyo isoni nke,

[20] gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, intonganya, ishari, ishavu, ikeba, kwitandukanya, ibice,

[21] igono, kuborerwa, kudandahirwa, n'ibindi bene ivyo. Ivyo ndabibaburiye, nk'uko nabibaburiye kera, yuko abakora ibisa bityo batazoragwa ubwami bw' Imana.

[22] Ariko ivyo Mpwemu yama ni: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,

[23] ubugwaneza, ukwirinda. Ibimeze bityo nta vyagezwe bibibuza.

[24] Kandi aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n'ivyo gahahamiye n'ivyo kifuza.

[25] Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu.

[26] Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari

Galatiya — Chapters