[1] Ariko ndavuga yuko samuragwa, iyo akiri umwana, ata co atandukanako n'umushumba, naho ari we nyene ibintu vyose.
[2] Ariko aganzwa n'abamuzigama n'ababwiriza kugeza mu gihe cashinzwe na se.
[3] Natwe ni uko; tukiri abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw'isi.
[4] Maze igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n'umugore, kandi yavutse aganzwa n'ivyagezwe,
[5] ngo acungure abaganzwa n'ivyagezwe, biduheshe gucika abana bayo.
[6] Kandi kuko mu bana bayo, Imana yatumye Mpwemu w'Umwana wayo mu mitima yacu, atakamba ati: Abba, Data.
[7] Ni co gituma utakiri umushumba, ariko uri umwana wayo; kandi ko uri umwana wayo, uri umuragwa, ubihawe n'Imana.
[8] Ariko ico gihe, kuko mutari muzi Imana, mwari mujakariye imana zitari zo uhereye mu kameremere kazo.
[9] Ariko none, ko mwamenye Imana, canecane ko mwamenywe na yo, ni igiki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyigoyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?
[10] Muziririza imisi, amezi, ibihe n'imyaka.
[11] Munteye akoba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n'ubusa.
[12] Ndabinginze, bavukanyi, mumere nkanje, kuko nanje meze nkamwe. Nta nabi mwangiriye,
[13] ariko murazi yuko amagara make y'umubiri ari yo yatumye ndababarira ubutumwa bwiza ubwa mbere.
[14] Kandi ivyabagerageza kubwo umubiri wanje ntimwabitituye, ntimwaciriye inyeri, ariko mwanyakiriye nk'umumarayika w'Imana, canke nka Kristo Yesu.
[15] None kwa kwishima kwanyu kuri hehe? Ndi icabona canyu yuko iyo biba vyarashobotse, muba mwaremeye kwinogora amaso, mukayampa.
[16] Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabwira ukuri?
[17] Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bwiza; ariko ico bagomba ni ukubazigira hanze, kugira ngo namwe mubagirire ishaka.
[18] Mugabo, ni vyiza kugirira ivyiza ishaka ibihe vyose, atari igihe turi kumwe gusa,
[19] bana banje bato, abo nongera kwibaruka mu marira, gushitsa aho ishusho ya Kristo izoremerwa muri mwebwe.
[20] Kandi nagomba gushikirana namwe aka kanya, no kworosha ijwi, kuko ivyanyu binzazaniye.
[21] Mwebwe abagomba kuganzwa n'ivyagezwe, ni mumbarire. Mbega ntimwumva ivyagezwe?
[22] Kuko vyanditswe yuko Aburahamu yarafise abahungu babiri, umwe ari uwo ku ncoreke, uwundi ari uwo ku mugore bwite.
[23] Uwo ku ncoreke yavyawe mu buryo bw'umubiri; uwo ku mugore bwite yavyawe kubwo isezerano.
[24] Ivyo ni nk'umugani. Kuko abo bagore ari nk'amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari.
[25] Nuko Hagari ni umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuko usangiye ubuja n'abana bawo.
[26] Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bwite, ni wo mama wa twese.
[27] Kuko handitswe, ngo Nezerwa, yewe mugore w'ingumba utavyara, Turika, usemerere, wewe utaramukwa, Kuko abana b'intabwa ari benshi, baruta abo uwufise umugabo.
[28] Namwe bavukanyi, muri abana b'isezerano, nk'uko Isaka yari ari.
[29] Ariko nk'uko ico gihe uwavyawe mu buryo bw'umubiri yahama uwavyawe mu buryo bwa Mpwemu, na none ni ko biri.
[30] Ivyanditswe bivuga biti: Irukana incoreke n'umwana wayo, kuko umwana w'incoreke atazoraganwa n'umwana w'umugore bwite.
[31] Nuko bavukanyi, ntituri abana b'incoreke, turi aba wa mugore bwite.