[1] Abaja bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngo izina ry'Imana n'ukwigisha ntibitukwe.
[2] Kandi abafise ba shebuja bizera, ntibagayishwe n'uko ari abavukanyi, ariko barushirize kubakorera, kuko abagirirwa ico kimazi ari abizera n'abakundwa. Uzokwigishe ivyo, ubibahanure.
[3] Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y'Umwami wacu Yesu Kristo, n'inyigisho zihura n'ukwubaha Imana;
[4] azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihari, n'intambara z'amajambo, zivamwo igono, gutongana, ibitutsi, umwikeko mubi
[5] n'ibihari bidashira vy'abantu bononekaye ubwenge, bakuweko ivyo ukuri, bibwira yuko kwubaha Imana ari ukwironkera inyungu.
[6] Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubumbwa n'ivyo ufise kuvamwo inyungu nyinshi koko.
[7] Kuko ata co twazanye mw'isi kandi ata co dushobora kuyivanamwo.
[8] Ariko iyo dufise ivyo turya n'ivyo twambara biba bitubumvye.
[9] Ariko abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw'ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.
[10] Kuko gukunda amahera ari imizi y'ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi.
[11] Ariko weho, muntu w'Imana, wame uhunga ivyo, ariko ukurikire ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n'ubugwaneza.
[12] Wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubugingo budashira, ubwo wahamagariwe, ukabwaturira ukwatura kwiza mu maso y'ivyabona vyinshi.
[13] Ndakubwiririza mu maso y'Imana ibeshaho vyose, no mu za Kristo Yesu yashingishije intahe ukwatura kwiza imbere ya Pontiyo Pilato,
[14] witondere icagezwe, ntugire agasembwa, ntubeko umugayo, gushitsa ku guseruka kw' Umwami wacu Yesu Kristo,
[15] kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n'Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w'abami, uwuganza abaganza.
[16] Ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n'ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amina.
[17] Wihanize abatunzi bo mu vy'iki gihe, ntibibone, canke kwishimira ubutunzi butari ubwo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisesekaye, ngo tubinezererwe.
[18] Kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,
[19] bibikire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.
[20] Ewe Timoteyo, wame uzigama ico wabikijwe, utere ibitugu ibizira vy'amajambo ahumanya n'ukurwana kw'ivyitwa ubwenge atari bwo,
[21] ubwo bamwe bivuga ko babufise bakazimira, bagata ukwizera. Ubuntu bubane namwe.