[1] Ntuhambarire umutama, ariko umuhanure nka so, abakiri bato n'imisore ubahanure nk'abavukanyi bawe.
[2] Abatamakazi nyene ubahanure nka ba nyoko, abakiri bato n'abigeme nka bashiki bawe, uri n'umutima utanduye na gatoya.
[3] Wubahe abapfakazi b'inyakamwe vy'ukuri.
[4] Ariko, umupfakazi wese, namba afise abana canke abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo; kuko ivyo ari vyo bishimwa mu maso y'Imana.
[5] Umupfakazi w'inyakamwe asigaye ari umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw'ijoro.
[6] Ariko, uwihaye ukwifuza aba apfuye ahagaze.
[7] Ubabwirize ivyo, kugira ngo ntibabeko umugayo.
[8] Ariko umuntu ni atatunga abo mu nzu y'i wabo, canecane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kandi azoba abaye hanyuma y'uwutizera.
[9] Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongo itandatu y'amavuka, kandi handikwe uwari afiswe n'umugabo umwe gusa.
[10] Handikwe uwushimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indaro, yaroza ibirenge vy'abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.
[11] Ariko abapfakazi bakiri bato ntubemerere, kuko kwifuza kw'umubiri ni kwamara kubatera kugarariza Kristo bazogomba kurongorwa,
[12] bagatsindwa n'urubanza kuko bavuye mw'isezerano ryabo rya mbere.
[13] Kandi ikindi, biga kugira ubunebwe, bagenda imihana; ariko rero si ubunebwe gusa, ikigeretseko bararegeteranya bita mu bitari ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.
[14] Ni co gituma ngomba ko abapfakazi bakiri bato barongorwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umwansi urwitwazo rw'ibitutsi.
[15] Kuko n'ubu bamwe bamaze guta inzira, ngo bakurikire Satani.
[16] Umugore wese yizera namba afise incuti z'abapfakazi, abafashe, ishengero ntiriremerwe, ribone gufasha abapfakazi b'inyakamwe.
[17] Abakuru b'ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi canecane abacumukura mu kuvuga ijambo ry'Imana no mu kwigisha.
[18] Kuko icanditswe kivuga, ngo Ntimuzorumye umunwa w'inka iriko irasekura ingano; kandi ngo Umukozi akwiye ingero yiwe.
[19] Umukuru ntukemere ico bazomukuregako hatabonetse ivyabona bibiri canke bitatu.
[20] Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngo abandi na bo batinye.
[21] Ndakwihanikiririza mu maso y'Imana na Yesu Kristo n'imbere y'abamarayika batoranijwe, witondere ivyo, ntuce urwo umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.
[22] Ntukagire umuntu wihutira kurambikako ibiganza, kandi ntugafatanye n'abandi mu vyaha vyabo. Uzokwame wirinda ubuhumane.
[23] Uhereye ubu ntunywe amazi gusa, ariko unywe n'utuvinyu dukeya kubwo mu nda hawe, kuko urwaragurika.
[24] Hari abantu ivyaha vyabo biboneka bikabatanga mu kuja mu rubanza; hari n'abandi bibaza inyuma.
[25] Kandi ibikorwa vyiza na vyo ni uko, hari ibiboneka; kandi n'ibitameze bityo ntibishobora kunyegezwa.