[1] Pahulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk'uko Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry'ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,
[2] ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda. Ubuntu, imbabazi n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu bikubeko.
[3] Imana nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimwo ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasiba, uko nsenze, ijoro n'umurango.
[4] Nibuka amosozi yawe, ngakumbura kukubona, ngo nuzure umunezero;
[5] kuko nibutse ukwizera kutari ukwo uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike. Ndazi kandi ntakekeranya yuko kukurimwo nawe.
[6] Ni co gituma ndakwibutsa kuvyura ya ngabire Imana yaguhaye ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwako ibiganza vyanje.
[7] Kuko Imana itaduhaye umutima w'isoni n'ubwoba; ariko yaduhaye uwo ubushobozi, urukundo n'ukwirinda.
[8] Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, canke jewe imbohe yiwe. Ariko ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubwo ubutumwa bwiza, nk'uko ubushobozi bw'Imana bugushoboza,
[9] yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n'ibikorwa vyacu, ariko utewe n'uko yabigabiye ubwayo, kandi utewe n'ubuntu bwayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba.
[10] Ariko none, bwaseruwe n'ukuboneka kw'Umukiza wacu Kristo Yesu, yahinduye urupfu ubusa, ubugingo no kutagipfa akabiserurisha ubutumwa bwiza.
[11] Nashiriweho kuba umuvuzi, intumwa n'umwigisha w'ubwo butumwa.
[12] Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yuko ashobora kuzigama ikibitsanyo namubikije gushitsa kuri wa musi.
[13] Shishikara mu karorero k'amajambo mazima wanyumvanye, ugashigikize ukwizera n'urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.
[14] Ivyiza wabikijwe, ubizigamishe Mpwemu Yera atubemwo.
[15] Urazi yuko abo muri Asiya bose banteye ibitugu, muri abo harimwo Fugelo na Herumogene.
[16] Umwami agirire ikigongwe abo kwa Onesiforo, kuko yanduhura kenshi; kandi ntiyatewe n'isoni n'umunyororo wanje,
[17] ariko, ashitse i Roma, agira umwete wo kundondera, arambona.
[18] Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kandi ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.