[1] Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vyo impwemu zizimiza no ku vyo inyigisho z'abadayimoni,
[2] bavugisha uburyarya bw'abanyabinyoma, batewe ikidodo mu mitima yabo ibagiriza ikibi,
[3] babuza kurongora no kurya ivyo kurya, kandi ari vyo Imana yaremye kugira ngo abizera, bakamenya ivyo ukuri, babirye bashima.
[4] Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimwo ico gutabwa, iyo cakiriwe n'uwushima;
[5] kuko kiba gihezagiwe n'ijambo ry'Imana no gusenga.
[6] Ni wibutsa abavukanyi ivyo, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y'ukwizera n'ayo inyigisho nziza wakurikiye.
[7] Ariko imigani ihumanya n'iyo abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana;
[8] kuko kwimenyereza kw'umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry'ubugingo bw'ubu n'ubuzoza.
[9] Iryo jambo ni iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose.
[10] Kuko igituma turuha tukama mu ntambara ari uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w'abantu bose, canecane w'abizera.
[11] Wame ubwiriza ivyo kandi uvyigisha.
[12] Ntihakagire uwukugayira ubusore, ariko ubere abizera ikigereranyo mu vyo uvuga, mu ngeso zawe, mu rukundo, mu kwizera no ku mutima utanduye.
[13] Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu, kubahanura no kubigisha.
[14] Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n'ivyo abavugishwa n' Imana mu kurambikwako ibiganza vy'abakuru.
[15] Ivyo ubishireko umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.
[16] Wirinde ubwawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira utyo uzokwikizanya n'abakwumva.