Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 1:43

[1] Irya mbere y'ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose, kubasengera, kubasabira no kubashimira Imana;

[2] kandi canecane abami n'abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana turi inyankamugayo rwose.

[3] Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu maso y'Imana Umukiza wacu,

[4] igomba ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivyo ukuri.

[5] Kuko hari Imana imwe, kandi hari Umuhuza umwe w'Imana n'abantu, na we nyene ni umuntu, ni Kristo Yesu,

[6] yitanze ko incungu ya bose. Kandi ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo,

[7] ni co nashiriweho kuba umusiguzi n'intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) ni umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n'ivyo ukuri.

[8] Nuko ndagomba ko abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihari.

[9] Kandi n'abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badasaragurika kandi badashazisha gutsiba umushatsi, canke izahabu, canke ubudede, canke impuzu z'igiciro kinini,

[10] ariko bashazishe ibikorwa vy'ingeso nziza, nk'uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.

[11] Umugore yige atekereje agamburuka rwose.

[12] Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke ko aganza umugabo, ariko atekereze.

[13] Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva.

[14] Kandi Adamu si we yahenzwe, ariko umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro.

[15] Yamara azokizwa kubwo ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kwitonda.

Timoteyo Rya Mbere — Chapters