Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:13

[1] Pahulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk'uko vyagezwe n' Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,

[2] ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu, imbabazi n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu bikubeko.

[3] Nuko guma muri Efeso, nk'uko nakugiriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ngo uteshe ba bandi ntibigishe ibiteye ukundi.

[4] Ntibababare ivyo imigani y'ibinyoma n'ivyo kuzura akaboze k'urufatane rw'imiryango katagira iherezo, bidafasha igikorwa c'Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impari.

[5] Ariko inyanduruko y'ukwigisha kwacu ni ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimwo ijwi ribagiriza ikibi, no ku kwizera kutari ukwo uburyarya.

[6] Ivyo bamwe barabihushije, bata inzira, baja mu bitagira ikimazi biba ari vyo bavuga.

[7] Bagomba kuba abigisha b'ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n'ivyo bashingira intahe babishimikiye.

[8] Ariko turazi yuko ivyagezwe ari vyiza, iyo umuntu abigenjeje nk'uko bikwiye ivyagezwe,

[9] azi yuko ivyagezwe bitashiriweho umugororotsi, ariko vyashiriweho abagarariji n'ibigaba, abatubaha Imana n'abanyavyaha, abanegura ivyayo n'abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,

[10] abashakanyi, abagabo basambana n'abandi bagabo, abanyaga abantu bakabashora, ababeshi, abarahira nabi, n'ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,

[11] gukurikira ubutumwa bw'ubwiza bw'Imana ishemagizwa, ubwo najejwe.

[12] Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko ndi uwo kwizigirwa, akampa ubusuku;

[13] naho nabanje kumutyoza, kumuhiga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera.

[14] Kandi ubuntu bw' Umwami wacu bwiyongeranyako, bo n'ukwizera n'urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.

[15] Iri jambo ni iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw'isi no gukiza abanyavyaha; muri bo jewe ndi agahebuza.

[16] Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe ni ukugira ngo Yesu Kristo anyerekaniremwo gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c'abazomwizera bakaronka ubugingo budashira.

[17] Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n'icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amina.

[18] Iri bwirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk'uko abavugishwa n'Imana bakuvuzeko ubwa mbere, ngo ufashwe na vyo kurwana intambara nziza.

[19] Ugumye ukwizera, ufise umutima utarimwo ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bashibuye bakamera nk'ubwato busavye mu vy'ukwizera.

[20] Muri abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kudatyoza Imana.

Timoteyo Rya Mbere — Chapters