[1] Ibisigaye bavukanyi mudusengere, ijambo ry'Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk'uko biri no muri mwebwe,
[2] kandi dukire abantu babi badadika; kuko ukwizera kudafiswe na bose.
[3] Ariko, Umwami n'uwo kwizigirwa, ni we azobashinga neza abarinde wa Mubi.
[4] Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yuko ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora.
[5] Umwami arongore imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw'Imana no ku kwihangana kwa Kristo.
[6] Ariko bavukanyi, turabagera mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo, kuzibukira umuvukanyi wese w'umunebwe, canke adakurikira ivyo mwashikirijwe natwe.
[7] Ubwanyu murazi ingene mukwiye kutwigana, kuko tutari abanebwe muri mwebwe,
[8] ntitwarya ivyo kurya vy' umuntu n'umwe ku busa, ariko twagira ubutame n'ubucumukure, dukora ku murango no mw'ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebwe tugora.
[9] Si uko tutavyemerewe, ariko ni ukugira ngo tubabere icitegererezo ngo mutwigane.
[10] Kuko tukiri kumwe namwe twabageze iki, ngo umuntu wese ni yanka gukora ntakarye.
[11] Kuko twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebwe bagenda basaragurika, bama bineganegera bakita mu bitabakwiye.
[12] Ariko abameze bartyo turabagera tubahanura kubwo Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bironkeye ubwabo.
[13] Ariko mweho bavukanyi, ntimurambirwe no gukora iciza.
[14] Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo muri iri kete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngo amaramare.
[15] Ariko ntimumwiyumvire ko ari umwansi wanyu, ariko mumuhanure nka umwana wa So.
[16] Kandi Umwami Nyenamahoro ubwiwe, yame abaha amahoro ibihe vyose uburyo bwose. Umwami abane namwe mwese.
[17] Uku ni kwo gutasha kwanje jewe Pahulo, kwanditswe n'ukwanje kuboko, ni co kimenyetso mu kete ryanje ryose: ni ko nandika.
[18] Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese