Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 1:41

[1] Pahulo, Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw'ishengero ry'i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo. Ubuntu bubabemwo n'amahoro.

[2] Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze,

[3] twibuka ubudasiba ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n'ubutame buva mu rukundo, n'ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y'Imana yacu, ni yo Data wa twese.

[4] Bavukanyi bakundwa n'Imana, tuzi yuko mwatoranijwe na yo.

[5] Kuko ubutumwa bwacu butabashitseko ari amajambo yonyene ariko bwarimwo n'ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebwe kubwanyu.

[6] Namwe mwaratwiganye, mwigana n'Umwami wacu, mumaze kwakirira ijambo ry'Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,

[7] bituma muba ikigereranyo c'abizera bose bari i Makedoniya no muri Akaya.

[8] Kuko muri mwebwe humvikanye ijambo ry'Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, ariko ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga muri ivyo.

[9] Kuko bose bivugira ubwabo inkuru z'ingene twaje muri mwebwe, kandi ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,

[10] kandi ngo mwitege Umwana wayo ko ava mw'ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza ishavu rigira rize.

Abo I Tesalonike Rya Mbere — Chapters