[1] Nuko bavukanyi, ibisigaye, turabinginga tubahanura mu Mwami Yesu, nk'uko mwize kuri twebwe ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza mutyo.
[2] Murazi ivyagezwe twahawe n'Umwami Yesu kubabarira ivyo ari vyo.
[3] Ico Imana igomba, ni ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;
[4] kugira ngo umuntu wese muri mwebwe amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha,
[5] atari mu buryo bwo kwangaza umutima mu vyifuzo, nk'uko abanyamahanga batazi Imana bagira;
[6] ngo umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge umuvukanyi wundi kuri ivyo, kuko Umwami wacu ari umuhozi kuri ivyo vyose, nk'uko twababuriye tuvyemeza.
[7] Kuko Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.
[8] Ni co gituma uwuvyanka ataba yanse umuntu ariko aba yanse Imana, kandi ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.
[9] Ariko ivyo gukunda bavukanyi ntimurinda kuvyandikirwa, kuko ubwanyu mwigishijwe n' Imana gukundana;
[10] kandi ni ko nyene mugiriranira n'abavukanyi bose b'i Makedoniya hose. Ariko bavukanyi turabahanura ngo murushirize kugira rwinshi.
[11] Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk'uko twababariye,
[12] kugira ngo mugendane ingeso nziza ku bo hanze, kandi mutagira ico mukenye.
[13] Ariko bavukanyi, ntitugomba ko muyoberwa ivyo abasinzira itiro ry'urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.
[14] Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, tube ari ko twizera yuko abasinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we.
[15] Iki ni co tubabwira, ni ijambo ry'Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw'Umwami wacu, tutazokwitangira na gatoya imbere y' abasinziriye.
[16] Kuko Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw'ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n'akamo k'umumarayika mukuru, n'inzumbeti y'Imana. Maze abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;
[17] maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n'Umwami.
[18] Nuko mwiruranishe ayo majambo.