[1] Ba shebuja, namwe ni mugirire abakozi banyu ibigororotse n'ibibereye, kuko muzi yuko namwe mufise Shobuja mw'ijuru.
[2] Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;
[3] kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe,
[4] kugira ngo ndariserure nk'uko nkwiye kuvuga.
[5] Mugendane ubwenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.
[6] Imvugo zanyu zamane ubuntu bw'Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.
[7] Tukiko umuvukanyi dukunda, umukozi w'umwizigirwa, dukorana mu Mwami wacu, azobiganira ivyanje vyose.
[8] Ni we ndabatumyeko kubwo ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngo aremeshe imitima yanyu,
[9] ndamutumanye na Onesimo umuvukanyi w'umwizigirwa, uwo dukunda, yavuye i wanyu; bazobiganira ivyo ino vyose.
[10] Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabwirizwa ivyiwe. Ni yaramuka aje i wanyu muzomwakire.
[11] Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha. Abo bonyene bo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo ni bo bakorana nanje kubwo ubwami bw'Imana, kandi bamaze umubabaro.
[12] Epafura w'i wanyu, umushumba wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivyo Imana igomba vyose.
[13] Ndamushingira intahe yuko abagirira umwete mwinshi, mwebwe n'abo i Lawodikiya n'abo i Hiyerapoli.
[14] Luka, umuganga akundwa, na Dema, barabatasha.
[15] Muntahirize abavukanyi b'i Lawodikiya, na Numfa, n'ishengero ryo mu nzu yiwe.
[16] Kandi iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muzokwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry'i Lawodikiya; kandi namwe muzosome ikizova i Lawodikiya nyene.
[17] Kandi muzobarire Arukipo muti: Urabe igikorwa c'ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze.
[18] Uku ni kwo gutasha kwanje Pahulo, kwanditswe n'ukwanje kuboko. Mwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.