[1] Bavukanyi, ubwanyu murazi yuko ugushika muri mwebwe kwacu kutabaye uko ubusa;
[2] ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatetererezwa, nk'uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubwira mwebwe ubutumwa bwiza bw'Imana turi mu ntambara nyinshi.
[3] Kuko uguhanura kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kandi atari uko ubugunge;
[4] ariko nk'uko Imana yatwemeye ko turi abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk'abagomba kunezereza abantu, ariko nk'abagomba kunezereza Imana isuzuma imitima yacu.
[5] Kuko ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo ducishije iruhande, murabizi, canke ijambo ryo guhisha ukunohoka, Imana ni yo cabona c'ivyo.
[6] Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebwe canke ku bandi; naho tuba twarashoboye kubaremera, kuko turi intumwa za Kristo.
[7] Ariko twaritonda hagati muri mwebwe, nk'uko umuvyeyi abungabunga abana biwe.
[8] Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, si ubutumwa bwiza bw'Imana gusa, ariko n'ubwacu bugingo na bwo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.
[9] Bavukanyi, muribuka ubutame bwacu n'ubucumukure; twababwira ubutumwa bwiza bw'Imana. Twakora umurango n'ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe turemera.
[10] Mwebwe muri ivyabona hamwe n'Imana vy'ingene twamerera mwebwe abizera, turi abera, tugororoka, tutariko umugayo.
[11] Nk'uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebwe, nk'uko se amera ku bana biwe, tubahanura, tubaremesha, dushinga intahe,
[12] kugira ngo mugende nk'uko bibereye ab' Imana, ibahamagarira kuja mu bwami bwayo no mu bwiza bwayo.
[13] Natwe igituma dushima Imana ubudasiba, ni uko hamwe mwakira ijambo ry'ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry'Imana, mutaryemeye nk'ijambo ry'abantu, ariko nk'ijambo ry'Imana, nk'uko riri koko, rikorera muri mwebwe abizera.
[14] Namwe bavukanyi, mwiganye amashengero y'Imana y'i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kuko ivyo mwababajwe n'ubwoko bwanyu ari bimwe n'ivyo abo bababajwe n'Abayuda,
[15] bishe Umwami Yesu n'abavugishwa n'Imana, kandi natwe baratwirukanye, ntibanezereje Imana, barwanya abantu bose;
[16] batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y'ivyaha vyabo. Ariko ishavu rirabashikiye kubamara rwose.
[17] Ariko twebwe, bavukanyi, hamwe twatandukanywa namwe igihe gito ubwo amaso, ariko si mu mutima, twarushirije kugira umwete wo kubonana namwe imbonankubone, tubafitiye inkumbu nyinshi;
[18] kuko twagomba kuza i wanyu, mbere jewe Pahulo kubigomba si rimwe ni kabiri kose, Satani akatubuza.
[19] None ivyizigiro vyacu n'iki, canke umunezero, canke igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebwe, imbere y'Umwami wacu Yesu aho azozira?
[20] Kuko ari mwebwe cubahiro cacu n'umunezero wacu.