Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:47

[1] Ariko bavukanyi, ivyo ibihe n'imisi ntimurinda kuvyandikirwa.

[2] Kuko ubwanyu muzi neza yuko umusi w'Umwami wacu uzoza nk'uko igisuma kiza mw'ijoro.

[3] Aho bazoba bavuga bati: Hari amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk'uko ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.

[4] Ariko mweho, bavukanyi, ntimuri mu mwiza, ngo uwo musi ubashikeko giturumbuka;

[5] kuko mwese muri abana b'umuco n'abana b'umurango. Ntituri abo ijoro canke abo umwiza.

[6] Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.

[7] Kuko abasinzira basinzira mw'ijoro, n'ababorerwa baborerwa mw'ijoro.

[8] Ariko tweho, ko turi abo umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikingira igikiriza c'ukwizera n'urukundo, kandi twambaye nk'inkofero ukwizigira agakiza.

[9] Kuko Imana itadushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n'Umwami wacu Yesu Kristo,

[10] ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ari iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry'urupfu.

[11] Nuko muhanurane, mukomezanye, nk'uko mubikora nyene.

[12] Ariko bavukanyi, turabinginga, mumenye abakora muri mwebwe bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanura,

[13] mububahe rwose mu rukundo kubwo igikorwa cabo. Mubane amahoro.

[14] Kandi turabahanura, bavukanyi, muhanure abasaragurika batagomba gukora, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.

[15] Mwirinde, ntihagire umuntu yihora uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.

[16] Munezerwe imisi yose;

[17] musenge ubudasiba;

[18] mwame mukenguruka muri vyose, kuko ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.

[19] Ntimukazimye Mpwemu;

[20] ntimugakengere ivyo abavugishwa n'Imana;

[21] musuzume vyose, mugumye ivyiza,

[22] mwirinde icitwa ikibi cose.

[23] Kandi Imana Nyenamahoro ibe ari yo ibeza rwose. Kandi impwemu yanyu, ubugingo n'umubiri wose hamwe bizigamwe, ngo bizosangwe bitagira umugayo, aho umwami wacu Yesu Kristo azozira.

[24] Iyibahamagara ni iyo kwizigirwa; no kubikora izobikora.

[25] Bavukanyi, mudusengere.

[26] Muramukishe abavukanyi kugumbirana kwera.

[27] Ndabarahiye Umwami wacu, iki cete ntikizobure gusomerwa mu bavukanyi bose.

[28] Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.

Abo I Tesalonike Rya Mbere — Chapters