[1] Nuko tutagishoboye kwihangana, dushima gusigara twenyene muri Atenayi,
[2] dutuma Timoteyo, muvukanyi, umukozi w'Imana agabura ubutumwa bwiza bwa Kristo, ngo abakomeze abaremeshe ku vyo ukwizera kwanyu,
[3] kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe anyiganyizwa n'ayo marushwa; kuko ubwanyu muzi yuko ari ico twashiriweho nyene.
[4] Kandi hamwe twari kumwe namwe, twababuriye yuko tutazobura kubabazwa; kandi ni ko vyabaye, murabizi.
[5] Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo menye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n'ubusa.
[6] Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y'ukwizera kwanyu n'urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk'uko natwe tubakumbura.
[7] Ni co catumye bavukanyi, turemeshwa kubwanyu n'ukwizera kwanyu, mu mubabaro wacu wose no mu marushwa.
[8] Kuko none turiho, asangwa muhagaze mu Mwami.
[9] Ni ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubwanyu, kubwo umunezero wose tubanezererwa imbere y'Imana yacu?
[10] Dusenga cane ijoro n'umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.
[11] None Imana yacu ubwayo, ni yo Data wa twese, n'Umwami wacu Yesu, agorore inzira yacu yo kuza iyo.
[12] Namwe Umwami wacu abagwirize, abongerereze urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk'uko natwe tumeze kuri mwebwe;
[13] kugira ngo aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y'Imana yacu ni yo Data wa twese, izosangwe ityo aho Umwami wacu Yesu azozananira n'abera biwe bose.