[1] Ndahanura abashingantahe b'ishengero bo muri mwebwe ndabahanura, kuko nanje ndi umushingantahe mugenzi wanyu, kandi ndi icabona c'imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubwiza buzohishurwa.
[2] Muragire ubusho bw'Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk'abagoberewe, ariko mubikunze, nk'uko Imana igomba. Ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire muvyitangiye.
[3] Kandi ntimuragire nk'abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy'ubusho.
[4] Nuko Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c'ubwiza kitazoshira.
[5] Namwe abakiri bato, mugamburukire abakurambere. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane, kuko Imana irwanya abibona, ariko abicisha bugufi ikabaha ubuntu.
[6] Nuko mwicishe bugufi muri musi y'ukuboko kw'Imana kw'ubushobozi, kugira ngo izobashire hejuru mu gihe gikwiye.
[7] Muyikorere amaganya yanyu yose, kuko ibababara.
[8] Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye. Umurezi wanyu, ari we wa mugarariji, agendagenda nk'intambwe yivuga, arondera uwo arotsa.
[9] Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yuko imibabaro ihwanye n'iyanyu ishitswa ku bavukanyi banyu bari mw'isi.
[10] Kandi Imana igira ubuntu bwose, yabahamagariye ubwiza bwayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahingura rwose ubwayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.
[11] Ububasha bube ubwayo ibihe bitazoshira. Amina.
[12] Ndabandikiye ikete c'amajambo make, canditswe na Siluwano, umuvukanyi w'umwizigirwa uko niyumvira; ndabahanura nshinga intahe yuko ubwo ari bwo buntu bw' Imana bw'ukuri. Mubuhagararemwo mushikamye.
[13] Ishengero ry'i Babuloni ry'abatoranijwe nkamwe rirabatasha, bo na Mariko, umwana wanje.
[14] Muramukanishe kugumbirana kw'urukundo. Amahoro abe muri mwebwe mwese muri muri Kristo.