[1] Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk'ibirwanisho bene uwo mutima, kuko uwubabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,
[2] kugira ngo amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy'abantu, ariko akora ivyo Imana igomba.
[3] Kuko igihe cashize gihagije gukora ivyo abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z'isoni nke, izo kwifuza, kunohorwa n'umuvinyu, kudandahirwa, kurundana aho bateretse n'ibizira vyo gusenga ibigirwamana.
[4] Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy'ubuhumbu, bakabadendereza;
[5] mugabo ni bo bazobazwa ivyo n'uwiteguye kuzoca imanza z'abakiriho n'abapfuye.
[6] Kuko icatumye abapfuye na bo babariwe ubutumwa bwiza kwari ukugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bw'abantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bw' Imana.
[7] Ariko umuhero wa vyose uri hafi. Nuko ni mwitonde rero, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.
[8] Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.
[9] Muhane indaro mutidodomba.
[10] Nk'uko umuntu wese yagabiwe ingabire muzifashishe abandi, nk'uko bibereye ababwiriza beza b'ubuntu bw'Imana bw'uburyo bwinshi.
[11] Umuntu iyo avuze, avuge nk'uwubivugishijwe n' Imana; umuntu iyo agaburira abandi, agabure nk'uwufise ubushobozi Imana itanga; kugira ngo Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubwa Yesu Kristo, afise icubahiro n'ububasha ibihe bitazoshira. Amina.
[12] Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk'aho mubonye akatabonetse.
[13] Ariko munezerezwe n'uko mufatanije n'imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw'ubwiza bwiwe muzonezerwe muhimbarwe.
[14] Iyo mututswe muhowe izina rya Kristo, muba muhiriwe; kuko Mpwemu w'ubwiza, ari we Mpwemu w'Imana, aba kuri mwebwe.
[15] Ntihakagire umuntu wo muri mwebwe ahorwa kuba umwicanyi, igisuma, inkozi y'ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo.
[16] Ariko ni hagira uwuhorwa kuba Umukristo, ntamaramare, ariko aheshe Imana icubahiro kubwo iryo zina.
[17] Kuko igihe gishitse c'uko urubanza rutangurira mu b'inzu y'Imana, none ko rutanguriye kuri twebwe, iherezo ry' abatumvira ubutumwa bwiza bw' Imana rizomera rite?
[18] Kandi ko umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, uwutubaha Imana n'umunyavyaha bazoboneka hehe?
[19] Nuko rero abababazwa nk'uko Imana igomba ni babitse ubugingo bwabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.