[1] Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abatoranijwe b'abanyamahanga bo mu basanzariye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Asiya n'i Bituniya,
[2] mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk'uko Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mumijwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n'amahoro bigwire muri mwebwe.
[3] Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubwa kabiri nk'uko imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,
[4] ngo tuzokwegukire umugabane utazobora, utanduye, udatituka, mwabikiwe mw'ijuru,
[5] mwebwe abazigamwa n'ubushobozi bw'Imana kubwo ukwizera, muzigamirwa agakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c'iherezo.
[6] Ivyo murabinezererwa cane, naho ubu ari igihe gito mubabazwa n'ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza;
[7] kugira ngo ukwizera kwanyu kugezwe (kandi ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, naho ivugutirwa mu muriro ikakaka) kuzoboneke kuri n'ishimwe n'ubwiza n'icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.
[8] Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n'ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k'ubwiza katovugwa,
[9] mugahabwa ikizanwa n'ukwizera kwanyu, ni co gakiza k'ubugingo bwanyu.
[10] Ivyo ako gakiza, abavugishwa n'Imana, ari bo bavuze ubuntu mwagira muzohabwe, barabirondera, barabisesura,
[11] basesa igihe ico ari co n'ibimenyetso vyaryo, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yatagura ivyo imibabaro ya Kristo bitaribwabe, n'ivyo ubwiza bw'uburyo bwinshi bwagira buzoyiherukire.
[12] Kandi bahishurirwa yuko atari bo bavyikorera, ariko ko ari mwebwe babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n'abababwiye ubutumwa bwiza, bavugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw'ijuru, kandi ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.
[13] Nuko rero mwiteguye gukora mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.
[14] Mumere nk' abana bagamburuka, ntimwishushanye n'ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c'ukutamenya kwanyu.
[15] Ariko nk'uko Iyabahamagaye ari iyera, namwe mube ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.
[16] Kuko vyanditswe, ngo mube abera, kuko nanje ndi uwera.
[17] Kandi ko Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n'ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba abanyamahanga mugende mwubashe Imana kandi muyitinya.
[18] Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z'imburakimazi mwarazwe na ba sogokuruza atari ibishira, nk'ifeza canke izahabu,
[19] ariko mwacungujwe amaraso y'igiciro kinini, nk'ayo umwagazi w'intama utagira agasembwa canke ibara, ni yo ya Kristo.
[20] Uwo yamenywe n'Imana kera, itanguriro ry'isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw'iherezo ry'ibihe kubwanyu,
[21] mwebwe abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubwiza. Ni co gituma ukwizera kwanyu n'ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.
[22] Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde abavukanyi bitari uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.
[23] Kuko mwavyawe ubwa kabiri, mutavyawe n'imbuto ibora, ariko mwavyawe n'imbuto itabora, mubiheshejwe n'ijambo ry'Imana ririho rigahoraho.
[24] Kuko, Abafise umubiri bose basa n'ivyatsi, Ubwiza bwabo bwose bumeze nk'amashurwe y'ivyatsi; Ivyatsi biruma, amashurwe agahunguruka,
[25] Ariko ijambo ry'Uhoraho ryamaho ibihe bidashira. Kandi iryo ni ryo jambo ry'ubutumwa bwiza mwabwiwe.