[1] Nuko rero mwiyambure inzigo yose, ubugunge bwose, uburyarya, ishari no kuvuga abandi nabi kwose,
[2] mumere nk'inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y'umutima adafunguye, kugira ngo abakuze abashitse ku gakiza;
[3] asangwa mwarayumvirije mukumva yuko Umwami wacu agira neza.
[4] Nuko mumwegere, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n'abantu, ariko ku Mana ryaratoronijwe, riri n'igiciro,
[5] mwubakwe nk'amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bw'impwemu, mugire igikorwa cera c'ubuherezi, ngo Muzotange ibimazi mu buryo bw'impwemu, bishimwa n' Imana kubwa Yesu Kristo.
[6] Kuko mu vyanditswe harimwo aya majambo, ngo Raba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n'igiciro, Kandi uwuryizera ntazomaramazwa.
[7] Nuko mwebwe abizera ni mwebwe mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngo Ibuye abubatsi bagaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,
[8] Ni ibuye ritsitaza ni urutare rugwisha; kuko batsitara kw'ijambo ry'Imana, bataryumvira; kandi ni co bashiriweho.
[9] Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, muri abaherezi b'ibwami, muri ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry'Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.
[10] Kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho muri abantu b'Imana; kera ntimwaribwagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.
[11] Abo nkunda, ndabinginga, ko muri abanyamahanga n'ingenzi mwirinde ivyifuzo vy'umubiri birwanya ubugingo;
[12] mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk'inkozi z'ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bizotume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.
[13] Kubwo Umwami wacu, ni mugamburukire ubukuru bwose bwashizweho n'abantu; ari umwami, kuko ari we gahebuza;
[14] canke abakuru, kuko ari bo atuma guhana inkozi z'ibibi no gushima inkozi z'ivyiza.
[15] Kuko ivyo Imana igomba ari uko ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b'imburabwenge batagira ico bazi,
[16] ngo mube nk'abidegemvya, ariko atari ukugira umwidegemvyo wanyu umwitwikiro w'inzigo, ariko mube nk'abakozi b'Imana.
[17] Mwubahe abantu bose; mukunde abavukanyi banyu; mutinye Imana; mwubahe umwami.
[18] Bakozi, mugamburukire ba shobuja, mububashe rwose, atari ababagirira neza n'ababihaganira gusa, ariko n'abadadika.
[19] Kuko igishimwa ari uko umuntu, namba ahanuwe n'ijwi ryo mu mutima gukora ivyo Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahowe ubusa.
[20] Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhowe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhowe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.
[21] Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana akarorero, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.
[22] We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bwabonetse mu kanwa kiwe;
[23] yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Iyidaca urwa nkunzi.
[24] Ubwiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambwe ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.
[25] Kuko mwari muzimiye nk'intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w'ubugingo bwanyu, ari we nyene abujejwe.