[1] Simoni Petero, umukozi wa Yesu Kristo kandi intumwa yiwe, ndabandikiye mwebwe abahawe ukwizera kw'akaburarugero kungana n'ukwacu, muguheshejwe n'ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n'Umukiza.
[2] Ubuntu n'amahoro bigwire muri mwebwe, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.
[3] Kuko ubushobozi bw'ubumana bwayo bwaduhaye ivyo ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubwiza bwiwe n'ingeso ziwe nziza.
[4] Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy'akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n'Imana akameremere kayo, mumaze gutoroka muva mw'iborero ryazanywe mw'isi no kwifuza.
[5] Mbere kubwo iyo nyanduruko nyene, ubwanyu ni mugire umwete rwose; ukwizera kwanyu mukwongereko ingeso nziza; ingeso nziza muzongereko ubwenge;
[6] ubwenge mubwongereko ukwirinda; ukwirinda mukwongereko ukwihangana; ukwihangana mukwongereko ukwubaha Imana;
[7] ukwubaha Imana mukwongereko ugukunda abavukanyi; ugukunda abavukanyi mukwongereko urukundo.
[8] Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute canke abatunguka ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.
[9] Kuko uwutagira ivyo ni mpumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w'ivyaha vyiwe vya kera.
[10] Ni co gituma, bavukanyi, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ugutoranywa kwanyu. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.
[11] Kuko ni vyaba bityo, muzohabwa rwose kwinjira mu bwami budashira bwa Yesu Kristo, ni we Mwami n'Umukiza wacu.
[12] Ni co gituma imisi yose ntazohengeshanya kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebwe.
[13] Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura ndabibutsa, nkiri muri uyu mubiri.
[14] Kuko nzi yuko igihe co kwamburwa umubiri wanje kiza kuza gitebutse, nk'uko Umwami wacu Yesu Kristo yamenyesheje.
[15] Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gupfa muzoshobore kwama mwibuka ivyo.
[16] Kuko tutakurikiye imigani yaremwe n'akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bw' Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n'uko twiboneye n'amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.
[17] Kuko yahawe n'Imana Data wa twese ishimwe n'ubwiza, aho ijwi rivuzwe n'ubwiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga riti: Nguwu Umwana wanje nkunda akampimbara.
[18] Iryo jwi twaryumvise rivuye mw'ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.
[19] Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirako umutima, ni nk'itara ryakira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza aho ikinyenyeri co mu gaturuturu kizokwakira mu mitima yanyu.
[20] Irya mbere mukwiye kumenya, ni uko ata jambo ry'abavugishwa n'Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk'uko umuntu avyigombera,
[21] kuko ata jambo ry'abavugishwa n'Imana ryazanywe no kugomba kw'umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.