[1] Namwe bagore ni uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry'Imana, bareshwe n'ingeso nziza z'abagore babo, batagize ijambo bavuze,
[2] ni babona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n'ugutinya.
[3] Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, ukwo kwambara izahabu canke ukwo kwambara impuzu nziza;
[4] ariko kube uko umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w'ubugwaneza utekereje, ni kwo kw'igiciro kinini imbere y'Imana.
[5] Ni ko abagore bera bizigira Imana bashaza kera, bagamburukira abagabo babo,
[6] nk'uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe muri abana b'uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubwoba n'icobaca ivutu.
[7] Namwe bagabo ni uko, mubane n'abagore banyu nk'abazi ibibereye, kuko ari nk'ibikoresho bidahwanije namwe inkomezi. Kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ari abaraganwa namwe ubuntu bw'ubugingo, kugira ngo ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha.
[8] Ibisigaye, mwese muhuze umutima, mubabarane, mukundane nk'abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;
[9] ntimugere ikibi ku kindi, canke igitutsi ku kindi; ariko muvyishurane n'umuhezagiro, kuko ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.
[10] Kuko handitswe, ngo Uwugomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N'abuze ururimi rwiwe, ntiruvuge ikibi, Ni iminwa yiwe ntivuge ivyo uguhendana,
[11] Kandi azibukire ibibi, akore ivyiza; Arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngo ayashikire.
[12] Kuko inyonga z'Uhoraho ziri ku bagororotsi, N'amatwi yiwe ari ku vyo basenga, Ariko igitsure c'Uhoraho kiri ku bakora ibibi.
[13] Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry'ivyiza?
[14] Yamara naho mwobabazwa muhowe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuzotinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,
[15] ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu ko ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y'ivyizigiro biri muri mwebwe, ariko muri n'ubugwaneza, mutinya.
[16] Mufise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamaramare.
[17] Ivyoba vyiza ni uko mwobabazwa muhowe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhorwa gukora ibibi.
[18] Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngo adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bw'impwemu,
[19] ni bwo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw'ibohero ijambo ry'Imana,
[20] ni zo z'abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bwa bwato bukibazwa; muri bwo harokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bakirijwe mu mazi.
[21] Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw'ikigereranyo c'ukubatizwa, si ugukuraho ubuhoma bwo ku mubiri, ariko ni isezerano ry'umutima utagiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,
[22] ari i buryo bw' Imana, kuko yagiye mw'ijuru, amaze guhabwa gutwara abamarayika, abanyabubasha n'abanyabushobozi.